IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bubanza : Abanyeshure barenga 200 nibo birukanywe

Bubanza : Abanyeshure barenga 200 nibo birukanywe

jeudi 9 Gitugutu 2014

Abanyeshure bagera kuri 203 nibo bamaze kwirukanwa mw’ishure ry’imyuga ry’I Bubanza.

Abo birukanywe bakavuga ko bari bamaze n’uguhamagarwa mw’ishure. Mu buyobozi bw’indero mu ntara ya Bubanza bavuga ko batazi uko abo banyeshure bashitse aho mu bigo vy’iryo shure ry’imyuga ry’I Bubanza, kuko batarungitswe n’igisata kijejwe gutanga ibibanza ku banyeshure bahejeje umumwaka w’icumi. Abo banyeshure rero bakaba bazindutse birukanwa, mu gihe bari bamaze iminsi bariko bariga. Bamwe muri abo banyeshure birukanywe bakaba bamenyesha ko batumva icatumye barungikwa mu mabarabara kandi bari bamaze n’uguhamagarwa mw’ishure.

Basaba ko ubushikiranganji bw’indero bwobarenganura, bakareka kuja mu mabarabara kandi bashaka kubandanya amashure nk’abandi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.