Accueil > Amakuru > Amashuri > Bubanza : Abanyeshure barenga 200 nibo birukanywe
Bubanza : Abanyeshure barenga 200 nibo birukanywe
jeudi 9 Gitugutu 2014
Abanyeshure bagera kuri 203 nibo bamaze kwirukanwa mw’ishure ry’imyuga ry’I Bubanza.
Abo birukanywe bakavuga ko bari bamaze n’uguhamagarwa mw’ishure. Mu buyobozi bw’indero mu ntara ya Bubanza bavuga ko batazi uko abo banyeshure bashitse aho mu bigo vy’iryo shure ry’imyuga ry’I Bubanza, kuko batarungitswe n’igisata kijejwe gutanga ibibanza ku banyeshure bahejeje umumwaka w’icumi. Abo banyeshure rero bakaba bazindutse birukanwa, mu gihe bari bamaze iminsi bariko bariga. Bamwe muri abo banyeshure birukanywe bakaba bamenyesha ko batumva icatumye barungikwa mu mabarabara kandi bari bamaze n’uguhamagarwa mw’ishure.
Basaba ko ubushikiranganji bw’indero bwobarenganura, bakareka kuja mu mabarabara kandi bashaka kubandanya amashure nk’abandi.
Aristide Nizigire