IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bubanza: Umwe mu ndongozi z’imbonerakure yagandaguwe

Bubanza: Umwe mu ndongozi z’imbonerakure yagandaguwe

mercredi 17 Ruheshi 2015

Umwe mu ndongozi z’urwaruka rw’imbonerakure zegamiye umugambwe CNDD-FDD ku mutumba Gahongore, muri zone Mitakataka,mu ntara ya Bubanza,yarishwe n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 16 Ruheshi.

Nk’uko amakuru dukesha ikinyamakuru iwacu abimenyesha,iyo ndongozi mu mbonerakure yiciwe ku muhana iwe,mu gace kitwa Moka, n’abantu bataramenyekana,nk’igihe c’isaha indwi z’ijoro buca ari kuri uyu wa gatatu.

Buramatari w’intara ya Bubanza Tharcisse Niyongabo,aremeza ayo makuru,akavuga ko abo bagizi ba nabi bateye Grenade, bakayicisha mw’idirisha ry’icumba uwo yapfuye yaryamamwo,aca apfa ubwo nyene.

Buramatari w’intara ya bubanza, avuga ko abantu baciye bahurira hamwe mu rugo rw’uwo yitavye Imana,batinya ko nabo boterwa.Avuga ko,ari umubabaro, ku bantu babuze indongozi yabo.

Haraheze indwi zitari nke,abandi bantu babiri bivugwa ko ari imbonerakure bitavye Imana bishwe n’urwaruka bivugwa ko ruva mu migambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi.

Messages

  • Yemwe yemwe ubu burundi bwacu buzogarukira he?mana fasha uburundi nabarutuyemwo!

  • Nimureke kubesha nyamuna harimbonerakure yopfa? Muriko mujajura mwebwe .Namba rivyo hahomvye mama wiwe ntihahomvye abo yakorera ibibi nkabirya.

  • Abo bantu bagize ibintu nkivyo bihenze bane gose kandi imana irabibona.impanuro nibareke kwica kuko iminsi yabo irikwirakwira.

  • imananimwakire.hama.abasigaye.bisuzume?hama.tubone.amahoro.jenavutse.nunva.imigambwe.gusa.imbonerakure?!!

  • YAMARA UMUNTU UGABURA UBUROZI AGASHIMISHWA NO KWIC’ABANDI ARABUSHIMA ABWIGABURIYE.........NONE KO RWAGASORE NA NDADAYE TUZOBIBUKA KUVYIZA BAKOZE N’UMURAGE MWIZA BATURAZE?NONE UYO WE ?TUZOMWIBUKA KUMABI YAKOREYE ABARUNDI,BABOREYE MUBUHUNGIRO MURI TANZANIYA ,CONGO,HOPFUMA GATO ABARI MU RWANDA........COPIN TWIHANGANISHIJE...MAMA WAWE NA PAPA WAWE NIMBA BATARIBAGUSHIGIKIYE....TUBABWIRANGO NIMBA BIRYOSHE CANKE BIBISHE NAWE NAHONJE YUNVE murakoze

  • Ic’udashaka ko bagukorera ntukagikorer’abandi

  • Yemwe Politique Igez Kur Basi Imana Yo Mwijuru Niyo Yonyene Ifis Inyishu Yibivyos Haaaha!!! Tugez Kwicana Kugeza Iyo Hos Biraherera He?

  • Agapfuye naho kabazwa ivu ntivyari bikwiye kugenda uko. Bitebe bitebuke umuntu azi ko yishe mugenzi we kuvy arivyose haba mu migambwe yose,mubwoko bwose,Uhoraho akora ijoro n’umuranga azobagaragaza. Gezaho mwabana binzoka mwe.

  • emma

    yemwe bantu mugumuka gezaho kwica abana buburundi kandi naho mubica mumenyeko arabana buburundi. Hemwe muharure munyakabiga mwarishe mubuterere mwarishe bubanza murishe none natwe abakunda nkurunziza tugire gute! icombona ni kutureka twigwanire.

  • emma

    na shaka mpanure uwo yavuzeko ata mbonerakure yopfa, hewe wewe wavuzuko urikijuju imbonerakure na barundi gushikuza nkuko sivyo canke nawe wari murabo bishe ibubanza? mumenyeko imbonerakure zivuga ziti turiho tuzokwamaho kandi dutegerezwa kubaho.

  • gwaruka nkanje ndasavye tubahane tureke kwicana kuko twebwe turwanye aboza bahonyag amategeko y uburundi ahubwo turwanyabo baza kuduteranya kandi bubahirize abarundi kandi aboza bahonyanga i bwirizwa shingiro tubashengeze abarundi twarajijutse dukeney amahoro gusa

  • Je Ndahojeje Umuryango Wabuze Nibihangane Me Buramatari Nareke Kubiha Intumbero Ya Politike Amatohoza Ataraba Kuko Ubu Nuwomupfa Akarimbi Arikika Mukiza.

  • urufpu nirubi rwose kumuntu wese ,

  • EMWE BANTU MWICA ABANDI??IMANA IBONGEREREZE IMIVUMO.

  • Abo ni ba batutsi bo muri MSD,mwa bahutu mwe mumenyeko propagande yakozwe y kumara la jeunesse hutu,ntimuryame umukondorazosi,genocide bari bateguye kubakorera inyuma ya coup d’état yarapfuye none bashaka kuza barabakuramwo kamwe kamwe,birababaje kuba ata bigwanisho namwe mufise mwari guca mwica uwo muri MSD namwe,iryinyo ku rindi,ijisho ku rindi nyabuna nta gupfa nk’ibihere trop c’est trop!

  • Birababaj Kwumva Uwo Mutavugarumwe Womwica Noko Muburundi Hari Imigambwe Mwishi Harosigara Umugambwe Uwah? Mana Niwakir Abariko Bakuzako!

  • @Fidelite, kandi urumupfasoni? sha wewe ntaco umariye igihugu atarukugihonya!
    Ikindi ubaye utaramenya ko irya Cout d’Etat yakozwe na Pita kugira yikize abo badasangiye ivyiyumviro woba nawe uri ikitazi.

  • Babongere kukonabonyene bishebeshi bahonde nabandi.

  • Icubiba Nick wimbura abatavugarrum we name cndd bigiye bicwa nkinzige atacamira banana gute?harageze kwimbura,no bahagarike I yo bakorera abandi bumveko nano Bavaria amaraso name bado.umururazi nkurumbi yateye mubarundi uzomugora kurandura ewe gatikizo kakorewe NFL msd fdb uprn nabandi nibazako nubundi bamwitiranije ntituzikwemera abafuyeko babandanya batwica nkuko umenga both ntibopfa uwavuze NGO abatutsi bariya back NFL bahoze bicwa nabatutsi?only cndd fdd.

  • Barundi,benewacu ntacomunezegwanuwupfuye,ngontimusangiyeumugambwe cankeubwoko.Uwagwanyeiyi93,yibuka intwaritwabuzeyoneze gwanintambara. Weweuriguhendwangogendawice uramanza urabeahabanicakora. Koweweuzohicara,Harabagombakwitwaza amoko sivyo siwomuziwizindyane. Mbega,aho aba F N L naCNDDbagwaniraza cibitoke,za zina,hamwe na bujumbura.Abokwanyangoma ibuyengero hari Umututsiyarimwo? Abatutsi harimwo abamezenabi,nabahutunuko.Ubuntikirasiraho se,imyakayosetwagwanyentawomoyeuwundi.Tumenyeko amahoro yazanye nibiganiro,nubusubira mwicaremuganire.

  • Urumurndi ki ww ushmira uwish uwndi koyakze neza?nimwsubirko kko uwariw wse avamraso,rwarka ahomuri hose ntimtwarwe nishvu ngo m8hore kko iyo nimtego,ahubwo museng cane kk iyaturnze mumyaka ntavze nubu niyo izotrinda.Uhoraho ati:murabikora nkihorera mukibaza ko mpwanye namwe.bandanya m8ce.

  • nimba tukigenzwa nagatima ko kwihorana tuva he tukaja he?mbega twovugako urwaruka rwubu rutandukanye nurwarenganye?ihorihori rihonya umuryango.uwupfuye wese umenye ko yaremwe mu gashusho k’ Imana nawe nanje twaremwemwo.Mana udufashe

  • uko nukumaramara guko ivyo babwiye abanyagihugu ngw’imbonerakure zifise ibigwanisho ngo nibahunge, vyabacomokanye.barateye akajagari mugisagara barananirwa , batanguye kuzicokoza bazishavuze kugira zitwagwe nagashavu. babone gukora ico bateguye. nozisaba kwihangana.ukuri kuzotsinda basigare baramaramara uwubacokoje biture ubutungane ninzego z’umutekano impera nimperuka ukuri kuzotsinda.

  • mbebi yuvyirako weatishe nkokuva ibubaza nokujakurasa ibujumbura bakamwambika iteni yaraziko batamuboye nonebaramwiyiciye mukuzimanganya dosie nazokurikiranwe ngwamene ibanga nkinkoho nateni ahoyazikuye bizotinda bihinyuke

  • Abo bant nibarek gusembura intambara kuk inyuma yamatora ubuzima burabandanya bazokwica imbonera kure1ntibazokic zse kand ubagabishe uwuzorukarisha ruzomumwa reka gusa babandanye

  • IVYO BIRASHOBOKA?JE NE PENSE PAS!

  • yemwe yemw gezaho!uwariwe wese yaba imbonerakure canke uwuri mur opposition ntawaremew kwicwa na mugenziwe.amaraso arahuma!

  • Abo bobo murabura kukabara?
    Kuki zirya nzirakarengane mutababaye

    GOD IS TO SEE EVERYTHING WHETHER IS HIDEN

  • Abo bobo murabura kukabara?
    Kuki zirya nzirakarengane mutababaye

    GOD IS TO SEE EVERYTHING WHETHER IS HIDEN

  • Abo bobo murabura kukabara?
    Kuki zirya nzirakarengane mutababaye

    GOD IS TO SEE EVERYTHING WHETHER IS HIDEN

  • Eeeeeehe kumbenimbonerakurezirapfa??sinaribwemereko icowicishanaw’earicowicishwa.nyabendarabahenda.

  • nimuzicokoze muzozibona ntimubone ngo zirinumiye .

  • nibazicokoze bazozibona ntibagire ngozirasinziriye Zirababona. muga nozihanura kutihora ziture ubutungane zikoreshe ubuhinga ntizirwe mumutego.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.