Accueil > Amakuru > umutekano > Bubanza : Urugo rw’umukuru w’umugambwe FRODEBU rwatewe
Bubanza : Urugo rw’umukuru w’umugambwe FRODEBU rwatewe
mardi 23 Nyakanga 2014
Uwutwara umugambwe SAHWANYA FRODEBU mu ntara ya Bubanza yaratewe n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere rishira uwa kabiri. Ferdinand SINDAYIGAYA, umukuru w’umugambwe FRODEBU mu ntara ya Bubanza avuga ko yikeka abantu bari bamaze iminsi bamutera ubwoba.
Nk’igihe c’isaha zitandatu z’ijoro ryo kuri uwu wa mbere rishira uwa kabiri, urugo rwa Ferdinand SINDAYIGAYA rwatewe n’abantu bataramenyekana, baca basiga baturiye inzu abamwo. Uwo yatewe amenyesha ko iyo hataba ababanyi banyarutse gutabara, inzu yiwe yari gusha yose, agasaba ko amatohoza yotanguzwa abamuteye bakamenyekana kandi bagahanwa.
Muri ayo matohoza yokorwa, Ferdinand SINDAYIGAYA, umukuru w’umugambwe FRODEBU mu ntara ya Bubanza yikeka abantu babana bari bamaze iminsi bamutera ubwoba ko bazomuturirira mu nzu.
Ferdinand SINDAYIGAYA asaba ko abo bantu bohagarikwa bakabazwa, umutekano wiwe nawo agacungerwa.
Egide Nduwimana