Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Iyandikwa ry’abahora bafitaniye amasezerano na SOGEMAC rigiye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Iyandikwa ry’abahora bafitaniye amasezerano na SOGEMAC rigiye (...)

Iyandikwa ry’abahora bafitaniye amasezerano na SOGEMAC rigiye gutangura

jeudi 4 Nyakanga 2014

Guhera ku munsi wa mbere igenekerezo rya 8 gushika kuwa 10 Nyakanga, haratungura iyandikwa ry’abadandaza bose bahora badandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura bari bafise amasezerano na SOGEMAC.

Umukuru w’umurwi ujejwe kuzogira urutonde rw’abadandaza bazoronka ibibanza mw’isoko nshasha y’imfatakibanza iri ahahora ikibuga COTEBU, Melchior Simbaruhije yamenyesheje ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 4 Nyakanga, ko igikorwa ca mbere babonye cihutirwa ari ico kumenya urutonde rw’abadandaza bari bafitaniye amasezerano na SOGEMAC. Ni nayo mpamvu bahamagariye guhera ku munsi wa mbere abadandaza bose bahora badandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura, bari bafitaniye amasezerano na SOGEMAC, kuja kwiyandikisha.

JPEG - 223.8 ko
Melchior Simbaruhije, umukuru w’umurwi ujejwe kuzogira urutonde rw’abadandaza bazoronka ibibanza mw’isoko nshasha y’imfatakibanza iri ahahora ikibuga COTEBU

Abo badandaza basabwa kuja kwiyandikisha badatevye, bitwaje ibibaranga (original) na fotokopi y’amasezerano bari bafitaniye na SOGEMAC, canke ikindi cose canditse cerekana ko uwo mudandaza yari afitaniye amasezerano na SOGEMAC. Iyandikwa rimaze guhera niho uwo murwi uzoheza ugasubira gukorana kugira ushinge ibizofatirwako mu gutanga ibibanza.
Iryo yandikwa rero rizotangura igihe c’isaha zibiri z’agatondo gushika isaha 10 z’umurango, ivyo bikorwa bikazobera ku kibuga c’inkino citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Kubona naho uwo murwi uriko ubandanya ibikorwa mu gihe sendika y’abadandaza SYGECO imaze kuvuga ko yakumiriwe, ndetse ikaba yaramaze no kwitura wa murwi w’igihugu ujejwe ibiganiro, umukuru w’uwo murwi uzotanga ibibanza amenyesha ko ku bwiwe ataco bitwaye, kuko muri uwo murwi uriko wiga itangwa ry’ibibanza harimwo imirwi yose itandukanye y’abo badandaza, kuko harimwo n’umukuru w’abadandaza, abari barongoye amakaritiye uko yari ane mu soko nkuru ya Bujumbura yahiye, hamwe n’abadandaza bari mu bisata bitandukanye nka CFCIB Chambre Fédérale de Commerce et d’Industrie du Burundi), AFAB (Association des Femmes Entrepreneurs du Burundi).


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.