Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bugarama : Abageze mu zabukuru basaba abandi kutishinga gusabiririza mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Bugarama : Abageze mu zabukuru basaba abandi kutishinga gusabiririza mu (...)

Bugarama : Abageze mu zabukuru basaba abandi kutishinga gusabiririza mu bisagara

dimanche 22 Ruheshi 2014

Abanyagihugu b’i Bugaramamu ntara ya Muramvya, bavuga ko kurera amaboko babisezereye, na cane cane ko baba kw’ibarabara rija mu bihugu bibanyi vya Tanzaniya n’Urwanda, bagategerezwa gukora amasaha menshi ashoboka ku munsi kugira barwanye ubukene n’ubunebwe.

Nk’uko twavyiboneye, yaba abakuze, abana, abagore n’abagabo bose baba bariko barasiganwa, bafise ibidandazwa bitandukanye birimwo ibiribwa, ibinyobwa, eka n’ibindi bikoresho bitandukanye birimwo inkoni z’ikizungu. Uruja n’uruza kuri iryo barabara akaba ari rwinshi,aho abantu bose baba bahari,atawewobona yicaye,atari uwuri ku rugendo gusa.

Nikodemu Niyoyankunze, n’umutama w’umukukuruke mu gisirikare c’Uburundi ku va mu mwaka w’1986, atunzwe no kudandaza inkoni z’ikizungu hamwe no kwiragirira inka ziwe. Mu kiganiro yahayeikinyamakuru IGIHE, avuga ko, kuva avuye mu gisirikare c’Uburundi, ataciye yicara ukwo, kuko yaciye yiyumvira kworora, n’ukurima kijambere. Amenyesha ko ubu ariko aragera mu zabukuru, aca akora akazi ko kuragira inka ziwe, iyo buriko burira naho canke mu mpera z’iyinga, agaca azana inkoni yamaze iminsi ariko arahingura ku zidandaza. Areneza ko iyo vyagenze neza, ku va ku munsi wa gatanu gushika ku munsi w’Imana aba amaze kudandaza inkoni cumi na zitanu, imwe akayitanga ku mafaranga ibihumbi bitatu.

Asaba abatama bariko bariko baragera mu zabukuru nka we, kutihutira kuja gutega amaboko abarengana mu bisagara, ahubwo barabe udukorwa tutavunye boshobora kurangura twotuma baba barabayeho atawebasaba.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.