Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Abadandariza mw’ibarabara boba aribo batera umutekano n’isuku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Bujumbura : Abadandariza mw’ibarabara boba aribo batera umutekano n’isuku (...)

Bujumbura : Abadandariza mw’ibarabara boba aribo batera umutekano n’isuku bike?

mardi 7 Nzero 2014

Hako bokwama bacura bufuni na buhoro abakenyezi baba baje kurondera ico bagaburira imiryango, ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura burakwiye kurazwa ishinga n’utuzu tw’ukudandarizamwo (Kiosques) dusigaye buduga nk’ibizinu, aho mbere n’isura y’igisagara atawukiyimenya, ivyo bigatuma n’ibibanza vyo hagati mu gisagara birangwamwo umwanda. Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura bwari bukwiye kuronderera abo bakenyezi ibibanza bakoreramwo.

Nyamoya Béatrice, umwe mu basanzwe bariko barakurikirana ikibazo c’abakenyezi badandariza mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura, avuga ko atanka ko haba isuku, ariko agira ati : "Mu ngorane zashitse isoko igasha mu nyuma hakaba akajagari, abakenyezi badandariza mu mabarabara sibo bari bakwiye kurwa mu mporera. Ku bwiwe, insiguro zatanzwe n’ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura sizo na gato. Mu kiganiro yahaye Ikinyamakuru IGIHE, Béatrice Nyamoya aratanga uturorero tw’ibibanza birangwamwo umwanda nk’ikibanza OK Bazaar, ikibanza co kw’ibarabara kwa "Kappa", hamwe n’utuzu two kudandarizamwo (Kiosques) dusigaye tuduzwa ijoro n’umutaga mu gisagara ca Bujumbura. Nyamoya amenyesha ko aho kubanza kwirukana mu gukubita abo bapfasoni, ahubwo bari bakwiye kubaronderera ibibanza bakoreramwo.

JPEG - 1.1 Mo
Béatrice Nyamoya : "Mu gihe Reta itariko iratunganya ivyayo neza, nireke gutoteza umunyagihugu muto muto."

Uwo mukenyezi abandanya anegura inyifato imaze iminsi igirwa n’abapolisi, aho avuga ko bakoresha inguvu zirengeye, mu gihe mu mategeko igiporisi gikwiye gukoresha ubushobozi bungana n’ubwo uwo baba bahanganye. Abaza ati : "Mbega abo bakenyezi hari inguvu baba bafise zingana n’izimaze iminsi zikoreshwa n’igiporisi". Asaba ko imbere yo gutwara ibidandazwa vy’abo bakenyezi hoza haraba icegeranyo cibiba vyatwawe n’abo baporisi, bimwe bita PV (Procè verbal de saisi), atari uko naho vyitwa ubusuma.

Béatrice Nyamoya arangiza asaba Reta kwitondera ico kibazo, ayisaba kurondera abahinga batandukanye, kugira babikore mu mutekano hamwe n’ubwitonzi ntangere, kuko iyo umuntu ashonje inkoni ntaco iba isigura. Uwo mupfasoni ahamagarira abanyagihugu nabo kubaza aho iyubakwa ry’isoko nkuru ya Bujumbura rigeze kuko ari kimwe mu vyatumye haba ako kajagari muri ayo mabarabara. Agira ati : "Mu gihe Reta itariko iratunganya ivyayo neza, nireke gutoteza umunyagihugu muto muto."


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.