Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abakozi bo mu nzu ntibagira amategeko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Abakozi bo mu nzu ntibagira amategeko

Abakozi bo mu nzu ntibagira amategeko

dimanche 12 Rusama 2013

Abakozi bakora mu mazu mu gisagara ca Bujumbura canke hagati mu gihugu c’Uburundi barahura n’ingorane zitandukanye harimwo n’ugukubagurwa mu kazi kabo ka minsi yose nk’uko babitwiganiye, kandi bafasha vyinshi mu ngo n’imiryango.

Abakora akazi ko mu mazu haba guteka canke kurera abana, barakunda guhohoterwa n’abakoresha babo mu gihe hari aho bakora ntibahembwe canke abakoresha babo bakabitoraguzako ko hari icoba carazimiye kugira bakirihe, iyo umwisho ugeze.

Abo bakora ako kazi, baremeza ko kuba bakora batagira amategeko abagenga canke agenga akazi kabo, canke kuba batagira amasezerano hagati y’abakoresha babo nabo nyene biri mu bituma bafatwa nk’aho ataco bamaze mu gihe aribo bitwararika ubuzima bw’umuryango wose, mu kwitwararika uko urugo rwose ruza gufungura haba mu gatondo, ku murango ndetse no mw’ijoro.

Abo bakora akazi ko mu mazu bavuga nk’ivyashitse muri komine Rohero aho hari umugabo yirukanye abigeme babiri mw’ijoro igihe c’isaha zitanu batagira iyo baja. Abo bigeme bose bari basanzwe bakora akazi ko mu nzu, bavuga ko ukwezi kwari kwaheze, maze nyene urugo aca arabirukana, ndetse aca abugaranira hanze. Bemeza ko batomboye kuko hari ababanyi baciye babaha indaro.

Abigeme rero hari naho bama bahakwa gufatwa ku nguvu n’ababakoresha, abo baba babana, canke abo bakorana. Abo bigeme nabo bavuga ko hari naho bishika bagafatwa ku nguvu maze kakaba akamizwe n’ingoma kubera ubwoba bwo gushengeza abakoresha babo.

Abo bakora ako kazi, barasaba ko amategeko abagenga yojaho, maze ishirahamwe ryabo rigakora uko rishoboye kugira ryerekane koko ko rifise inguvu z’uguharanira akazi kabo.

Ariko n’aho biri uko, abakoresha babo bavuga ko ivyo abo bakozi bavuga bishika, ariko bakemeza ko abo bakora ubwo buzi bwo mu mazu nabo nyene hari aho bakora nabi, bati hari aho umuntu asiga ibikwiye muhira, akaja ku kazi azi ngo ashika afungura, maze yataha agasanga ntacakozwe.

Ikindi abakoresha bavuga ni ubusuma bukorwa n’abakora ubwo buzi, haba ubusuma bw’amafaranga iyo baroye gusuma ivyo bita kugavura canke ubusuma bw’ibitunzwe mu mazu.

Abakoresha babo n’abo nyene baravuga ko haroyeho amasezerano hagati y’abakoresha n’abakozi, ndetse hakajaho n’amategeko agenga abo bakozi ko vyoba bihimbaye kuko umukoresha yibwe yoheza akaronka aho yitura.

Yaba abakozi canke abakoresha, bose barahuriza ku kamaro ko kuronsa amategeko agenga abo bakozi, na cane cane ko hariho n’abarwarira ku kazi, aho kuvuzwa bagaca birukanwa, ndetse n’ayandi mategeko menshi abagenga ahonyangwa.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.