IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura : Abantu batandatu barimwo abaporisi batatu bakomerekejwe na (...)

Bujumbura : Abantu batandatu barimwo abaporisi batatu bakomerekejwe na Gerenade

lundi 18 Ndamukiza 2016, par egide

Abanyagihugu batatu hamwe n’abaporisi batatu nibo bakomerekeye mu bitero vy’ama gerenade vyakozwe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana mu bibanza bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura.

Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi avuga ko abo baporisi batatu bakomerejekwe na gerenade yatewe mu Ngagara karitiye y’icenda, aho bita kuri Messe y’abaporisi, hakaba hari mu birori vy’ukubisikanya hagati y’uwugiye kurongora igiporisi mu gisagara ca Bujumbura hamwe n’uwo asubiriye.

JPEG - 133.2 ko
Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Nk’uko vyashikirijwe na Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, iyindi gerenade yatewe muri zone ya Kinama hagati y’ahahoze isoko ya kera hamwe n’ahashizwe isoko nshasha. Abantu batatu nibo bakomerekejwe n’iyo gerenade.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abateye izo gerenade mu bibanza bitandukanye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana bataramenyekana, ariko amatohoza akaba yamaze gutangura.

Abantu bitwaje ibirwanisho barasanye kandi muri iryo joro nyene n’abaporisi bariko barakizura muri zone ya Kanyosha, ariko akaba atacononekaye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.