Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Amakara yasubiye kuduga igiciro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Bujumbura : Amakara yasubiye kuduga igiciro

Bujumbura : Amakara yasubiye kuduga igiciro

mardi 21 Nzero 2014

Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko ikibazo c’amakara casubiye kuba akayoberabahinga, mu gihe amakara bahora bagura amafaranga amajana atanu ubu ageze ku mafaranga amajana indwi, amajana umunani eka mbere hakaba hari n’aho bayagurisha amafaranga igihumbi.

Ivyo vyokuduza igiciro ku makara, bikaba vyatanguye kuva aho umufuko wahora ugurwa ibihumbi bitarenga mirongo ibiri ubu waduze gushika ku bihumbi 35 vy’amarundi. Ivyo rero bigatuma abayarangura nabo baca baduza kugira ntibahombe. Abakozi twavuganye bavuye kuyagura bo muri komine ya Kamenge, bakaba batumenyesheje ko muri iyi minsi nabo batorohewe, na rirya abakoresha baguma batanga amafaranga bahora batanga ataraduga, ivyo bigatuma abakozi bo mu mazu bakehesha amakara yo guteka.

Iyo ngorane rero irahanze imiryango itari mike yo mu gisagara ca Bujumbura, na rirya ivuga ko ari ingorane ije kwuhirira ubukene busanzwe buzura inzara mu gisagara ca Bujumbura. Bamwe rero bakavuga ko, amakara yoba yasubiye kuzimbishwa n’ukwo amamodoka ayazana yoba yarasubiye kwankirwa gupakira akarenza imifuko, co kimwe n’imiduga itagira ivyuma bifata ayo makara mu miduga yoba itangishwa amahadabu kuko ifashwe yarengeje urugero mu gupakira.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.