Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura: Amazu ari ku nkengera z’inzuzi yarokotse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Bujumbura: Amazu ari ku nkengera z’inzuzi yarokotse

Bujumbura: Amazu ari ku nkengera z’inzuzi yarokotse

mercredi 29 Rusama 2013

Ubushikiranganji bw’ibidukikije bwaratanguye inyigisho zihabwa abanyagihugu kubijanye n’ugukingira ibidukikije, ndetse n’ihimirizwa mu ntumbero yo kubera ijisho Leta mu bikorwa vyo gukingira ibidukikije.

Ivyo rero bikaba vyamenyeshejwe na Remi Ndayishimiye, asanzwe ari umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ibidukikije kuri uyu wa 29 Rusama 2013, aho yariko amenyesha ko abacukura umusenyi mu nzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura batuma izo nzuzi nazo zica zita inzira maze zigaheza zigahitana amazu y’abantu aba ari ku nkengera zazo.

Aha rero tukaba twovuga nk’amazu yo mu makaratiye ya za Kanyosha na Kigobe, ahora ahitanwa n’ingaruka mbi ziva kwicukurwa ry’umusenyi rigirwa n’abantu.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ibidukikije yarongeye amenyesha ko amashirahamwe yari yarahawe uburenganzira bwo gucukura umusenyi, maze bagaheza ntibubahirize amasezerano bari baragiriraniye n’ubushikiranganji, ko kuva ubu ayo masezerano yahagaritswe.

Akanyamuneza rero ni kose ku bantu baba mu makaratiye yegereye inzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura kuko bizeye ko amazu yabo agiye kurokoka na rirya ikibazo c’uburaro gisanzwe kitoroshe mu gisagara ca Bujumbura.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.