Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Bamwe mu badandaza bemeza ko ikibazo cabo vyanse ko gitorerwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Bujumbura : Bamwe mu badandaza bemeza ko ikibazo cabo vyanse ko gitorerwa (...)

Bujumbura : Bamwe mu badandaza bemeza ko ikibazo cabo vyanse ko gitorerwa umuti

dimanche 7 Nyakanga 2014

Bamwe mu bakenyezi bandandariza mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura bamenyesha ko babandanya gukubagurwa n’abaporisi, mu gihe bemeza ko ikibazo cabo vyanse ko gitorerwa umuti.

Umwe mu bakenyezi Mariam Nijimbere, akaba yabariye ikinyamakuru IGIHE ko naho baguma bakubitwa ijoro n’umurango n’abaporisi kugira bave muri ayo mabarabara y’igisagara ca Bujumbura, bitazokunda, mu gihe bemeza ko boca bicwa na kigoyi, mu gihe utwo baderembeza ari two dutunze abana babo. Nijimbere akaba avuga ko badandariza ku mutwe, bakirigwa bariruka, ahandi binyegezanya n’abaporisi kuva mu gatondo gushika mw’ijoro. Asaba inzego z’igihugu ko bobareka bakadandaza, canke Reta igategura uburyo bushimishije bw’ingene bodandaza, nayo uguseserwa utwo baranguye bakabona ko atariwo muti, kuko batari buje kwiba, kandi bari bafise umwete wo kudandaza.

Mukamenya ko kuva isoko nkuru ya Bujumbura ihiye igatokombera, bamwe mu badandaza ivyamwa, imboga n’ibindi baciye bihereza amabarabara atandukanye, aho bama bariko barasiganwa n’igiporsi ariko bikaba vyaragoranye ko bava muri ayo mabarabara. Mu giporisi c’Uburundi bakavuga ko ico bariko barakora ubu, ari ugukurikiza amategeko, abo bakenyezi nabo bagasabwa kwubahiriza amategeko.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.