IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura: Ibice bimwe vy’igisagara vyaranzwe n’umutekano muke mu mpera (...)

Bujumbura: Ibice bimwe vy’igisagara vyaranzwe n’umutekano muke mu mpera z’indwi

lundi 11 Nzero 2016

Mu mpera z’indwi ibice bimwe vy’igisagara ca Bujumbura vyaranzwe n’umutekano muke.Mu gipolisi bemeza ko abantu batatu aribo bitavye Imana,batanu barakomereka harimwo abapolisi batatu.

Aha mbere haranzwe n’umutekano muke ni muri zone ya Gihosha,ahumvikanye amasase menshi mw’ijoro ryo kuwa gatandatu igenekerezo rya 9 Nzero 2016,abantu babiri nibo bakomerekejwe n’amasase amafaranga ataramenyekana igitigiri nayo aribwa.

Mw’ijoro ryo kuwa gatandatu nyene nk’igihe c’isaha zitatu,umunyeshuri yari azwi kw’izina rya Alfred Baramburiye yiga muri kaminuza,yari asanzwe akora akazi ko gufata amasanam yarishwe muri zone ya Nyakabiga.

Abanyagihugu baba mu micungararo yiciwemwo bamenyesha ko yoba yishwe n’abapolisi kuko ababibonye bavuga ko abamuhagaritse imbere yuko bamutora ari ikiziga bari bambaye impuzu z’igipolisi.

Umutekano muke waribonekeje kandi muri zone ya Musaga ku mutaga wo kuri uno w’Imana igenekerezo rya 10 Nzero 2016,aho umugabo yari agiye kwinonora imitsi. Umukuru wa Quartier Kinanira yavuze ko uwo mugabo yahitanywe n’amasasu igihe yarikon arahunga amasase y’igipolisi cariko gikurikirana umurwi w’inkozi z’ikibi.

Umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye, yavuze ko aho ku Musaga uwapfuye yari mu murwi w’abagizi ba nabi ,hamwe n’abanyagihugu babiri bakomeretse hamwe n’uwundi yakomeretse muri abo bagizi ba nabi.

Pierre Nkurikiye yavuze kandi ko batanu muri abo bagizi ba nabi bafashwe,hafatwa kandi inkoho zitanu.

Ku bijanye n’umunyeshuri Alfred Baramburiye, yaraye apfiriye muri zone ya Nyakabiga , umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye, yavuze ko yahitanywe n’amasusu igihe igipolisi cariko gisubizanya n’umurwi w’abantu wateye ama grenades hafi y’ikirindiro c’igipolisi kiri hagati y’ibarabara rya 12 na13 aho mu Nyakabiga, aho n’abapolisi 2 bakomeretse cane.

Mwomenya ko hari haheze iminsi ata rwamo rw’ibirwanisho rwumvikanye mu gisagara ca Bujumbura mu masaha y’ijoro.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.