Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura: Ihayanishwa ry’ibidandazwa vyahinguwe rirabandanya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Bujumbura: Ihayanishwa ry’ibidandazwa vyahinguwe rirabandanya

Bujumbura: Ihayanishwa ry’ibidandazwa vyahinguwe rirabandanya

lundi 3 Ruheshi 2013

Ihuriro ry’abahinga n’abanyamyuga mu Burundi Rifatikanije n’abahinga bo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko ryarateguye ihayanishwa kuri Palais des Arts, kuva kw’igenekerezo rya 24 Rusama gushika igenekerezo rya 06 Ruheshi uyu mwaka.

Muri ico kibanza rero palais des arts,hari ihayanishwa ry’ibidandazwa bitandukanye bikorerwa aha mu Burundi no mu karere ka Afrika y’Ubuseruko. Iryo Hayanishwa ryateguwe n’ishirahamwe SHASAA. Winjiyeyo uhasanga ibidandazwa bitandukanye vyahinguwe n’abahinga b’abarundi, urahasanga kandi n’abavuzi bakoresha imiti y’ikirundi nk’abo mw’ishirahamwe Layo Assocition, n’abo muri SINAPI.

Bashoboye kudondagura indwara bavura aha twovuga nk’ umushishito, amafyigo, inzoka zo mu nda, gucibwamwo, asikarisi n’izindi nyinshi tutodondagura ngo duheze.
Tuganiriye n’abasanzwe badandariza aho kuri palais des arts, batumenyesheje ko abaguzi baza bukebuke, ariko bagura cane ibidandazwa biva akenshi muri Kenya. Igituma ngo ni uko ibiva muri Kenya , abarundi bataba babimenyereye. Ariko rero hari n’abidogera ishirahamwe SHASAA ryatunganije iryo hayanishwa, ko hari ivyo badashima.

Muri ivyo badashima, akarorero twovuga n’ukugene iryo shirahamwe ryazanye Carnet aho kuzana igitabu basanzwe bita Livre d’or ni ukuvuga igitabo candikwamwo ivyiza canke ibibi. Ikindi abavuye hanze bazanye ibidandazwa aha mu Burundi bavuga, baridogera ishirahamwe SHASAA kubera ko ritashoboye gutunganya neza iryo hayanishwa nk’uko bisanzwe bitunganywa iwabo.

Muri iryo hayanishwa kandi abaguzi ntibaboneka kubera ko ishiramwe SHASAA ritashoboye kumenyekanisha bikwiye ivy’iryo hayanishwa, abantu rero benshi ntibahaza kuko batazi ibiriko birahabera.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.