Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura: Ikibazo c’iyarara kigiye gutorerwa umuti - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Bujumbura: Ikibazo c’iyarara kigiye gutorerwa umuti

Bujumbura: Ikibazo c’iyarara kigiye gutorerwa umuti

jeudi 9 Rusama 2013

Amakaratiye amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura akikujwe n’imisozi y’amayarara, ku buryo ababa mu micungararo y’ayo mayarara batakambira Leta ngo ibafashe bayikureho kuko amagara yabo azoheva abangamirwa n’ivyaduka vy’indwara mu minsi iza.

Amakaratiye ageramiwe n’iyo misozi y’iyarara ni nka Aziyatike munsi y’ubunywero benshi bita kwa Teransi, aho umusozi uriko urakura iruhande y’uruzitiro rw’ishirahamwe Regideso, iruhande kandi y’amazu abamwo abantu, hafi rwose y’ubunywero butandukanye bwo muri iyo karatiye.

Ahandi ni iruhande y’amasoko ya Kinama na Ngagara aho ata gikozwe mu maguru masha iyarara ryabaye imisozi ku buryo amagara y’abahadandariza canke abahaba ageramiwe. Abanyagihugu baho bakidogera abategetsi bizo komine ko umenga ivy’iyo misozi iriko irakura bitabaraba.

Abakenyezi badandariza ivyamwa hafi y’isoko ya Kinama bavuga ko ubu bafashe ingingo yo kudandaza babanje gushira kure abana babo ku gutinya ko bohava bihereza indoro z’iyarara ryuzuye iruhande y’isoko.

Umushikiranganji w’ibidukikije amenyesha ko yamaze kwitura ibihugu nk’’Ububirigi n’Ubuholande kugire bize bifashe mu gikorwa co gukura iryo yarara ribangamiye amakaratiye amwe amwe.

Ariko rero umushikiranganji amenyesha ko kugire ico gikorwa kize kiranguke neza, abanyagihugu bategerezwa kugira ico batanze hanyuma Leta n’abagira neza nabo baheze bunganire nk’uko bishikirizwa na Jean Claude Nduwayo umushikiranganji w’ibidukikije.

Umushikiranganji Nduwayo aheraheza amenyesha ko igisagara ca Bujumbura cokwegeranya intonde z’ahari iyarara iruhande y’amazu y’abantu kugira Leta ibikorereko mu gukingira abanyagihugu indwara zivuye kw’isuku rike.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.