IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Bujumbura : Umwigeme yaribwe aranakubitwa

Bujumbura : Umwigeme yaribwe aranakubitwa

dimanche 9 Kigarama 2012

Hari ku wambere kw’igenekerezo rya gatatu Kigarama 2012, aho umwigeme yinjiye mu muduga wunguruza abantu avuye mu Kanyosha aja mu gisagara hagati,umukonvayeri yamwivye telefone umwigeme amubajije aca aramukubita.

Nk’uko twabibwiwe n’uwahohotewe, ngo yariko akura amafaranga mu mufuko kugira ngo arihe bus, telefone ayirambitse ku ntebe convayeri aca arayitora ayihereza mugenziwe nawe aca arayisohokana. Mbega mu bisanzwe imodoka imwe igira abaconvayeri babiri? Twarabajije batubarira ko uwasohotse yari umukokayi.

Nyene kwibwa aca avuga ko ntawundi amutwaye telefone atari convayeri kuko niwe yari yicaye impande yiwe. Nawe ati ndakwiyamye aca atangura gukubita wa mwigeme, vyabaye nka wa murimyi w’ibigori yasanga abasuma mu murima wiwe nuko abasuma baca bakoma induru ngo bafashe igisuma niko kumukubita.
vyabaye ngombwa ko batabaza abajejwe umutekano. Abapolisi bumvise uko vyagenze baca bajana wa mu convayeri mugasho, inyuma y’iminsi ibiri aca aremera ko ariwe yayitwaye yemera no kuyisubiza nyeneyo.

Uwo mukobwa yahohotewe asaba inzego z’umutekano hamwe na ATRABU ( ishirahamwe ryabatwara abantu n’ibintu) kwitwararika bene ivyo bibazo kuko abakokayi n’abaconvayeri bakunda gutera ingorane abiyunguruza muri iyo miduga. Abagendera muri iyo miduga namwe murasabwa gucungera neza ibintu vyanyu kuko hari abatagenzwa na kamwe mu modoka.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.