Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bukera Valéry mu kibanza ca mbere mw’ihiganwa rya Rally - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Bukera Valéry mu kibanza ca mbere mw’ihiganwa rya Rally

Bukera Valéry mu kibanza ca mbere mw’ihiganwa rya Rally

mardi 29 Gitugutu 2013

Abari bitavye ihiganwa rya « Rally » ryabereye mu ntara ya Ngozi ku munsi wa gatandatu no kuw’Imana barashima uko ryatunganijwe, bagasaba Leta ko yokura ikori ku bikoresho bikenerwa muri iryo higanwa, kugira bashobore kubigura bitagoranye, ivyo navyo bikazobafasha kwama bitaba amahiganwa yotunganwa mu gihugu.

Hari haheze imyaka mirongo ibiri mu Burundi ata higanwa rya « Rally » riteguwe. Ku munsi wa gatandatu, abakunzi b’urwo rukino bari bahanye isango ryo guhurira mu ntara ya Ngozi, mu Vyerwa ahari hategekanijwe ihiganwa ryahuza abavuye mu bihugu vy’Uburundi, Rwanda na Congo. Ibihugu vyashoboye guserukirwa ni Uburundi n’Urwanda. Abahiganwa bose hamwe bari cumi na babiri, abarundi batanda n’abanyarwanda batandatu. Bakoresha imiduga cumi n’ibiri nyene, ariko muri iyo miduga, icenda gusa niyo yashoboye guheza ihiganwa ryari iry’ibirometero 180.

Umurundi Bukera Valéry niwe yashoboye gutahukana ikibanza ca mbere, akurikirwa n’abanyarwanda mu kibanza ca kabiri n’ica gatatu. Mu gihe yahora yitaba amahiganwa yo mu mahanga gusa, Valérie Bukera yarashimishijwe n’ukubona ashoboye guhiganirwa no mu gihugu ciwe, yongera amenyesha ko n’amabarabara yari meza agereranije na kera. Bukera Valéry yasavye Leta kworohereza abinjiza ibikoresho vya « Rally », mu kubikurako ikori.

Buramatari w’intara ya Ngozi ahariko habera iryo higanwa nawe nyene yarashimye ubuhinga bwerekanywe n’abariko barahiganwa, asaba ko mwene ayo mahiganwa yoza aratunganwa kenshi kuko ari mu vyerekana iterambere n’umutekano vy’igihugu

JPEG - 23.5 ko
Mu ntara ya Ngozi, umunezero wari wose ku barorerezi

Photo: IWACU


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.