IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bunyoni:" Igikorwa c’igipolisi si ico kwicisha inzara n’indwara (...)

Bunyoni:" Igikorwa c’igipolisi si ico kwicisha inzara n’indwara abanyagihugu"

vendredi 4 Nyakanga 2015

Umushikiranganji w’umutekano commissaire de police principal Alain Guillaume Bunyoni amenyesha ko igipolisi gifise ubuhinga gikoresha mu kurondera ibirwanisho biri mu banyagihugu babitunze batabifitiye uburenganzira.

Mu kiganiro umushikiranganji w’umutekano,uwo ubutungane,uwo intwaro yo hagati mu gihugu n’uwo kwivuna abansi batanze kuwa kane igenekerezo rya 3 Nyakanga 2015,umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume Bunyoni yavuze ko igikorwa bakora atari ico kwicisha abanyagihugu inzara n’indwara.

Ku kibazo co kumenya nimba ico gikorwa gikorwa mu ma quartier yabereyemwo imyiyerekano gusa,Alain Guillaume Bunyoni yavuze ko ivyo atari vyo, kuko aho igipolisi cumvise havugiye inkoho hose naho hoba hatabereye imyiyerekano baca baja kukirondera.

Mu gihe hari abafashwe bavuga ko bahohoterwa n’abajejwe umutekano,Alain Guillaume Bunyoni yavuze ko bigoye kwemeza kuko abafatwa bafise ibirwanisho kenshi bafatwa bagerageza kwiruka canke imbere yuko bafatwa bakabanza kurwana.

Mwomenya ko kuva mu gatondo ko kuwa gatatu gushika kuwa kane igenekerezo rya 3 Nyakanga,i quartier ya Jabe yari yugarijwe n’igipolisi,ata muntu yinjira canke ngo asohoke.


IGIHE

Messages

  • Uwo Mushikiranganji N’areke Kubesha Abantu. Uwomuntu Wese Adashigikiye 3ème Mandat Niwe Aronderwa. Abafatwa Atawumenya Mbere N’ Iyo Bajanwa Nta N’ Ikaramu Babasangana Mu Kamenge Ko Hariyo Inkoho, Ubona Bagerayo? Uwo mushikiranganji W’ Ubutungane Ntiyaburonse Ko Yemeje Ibitarivyo? Mugenziwe Yavyanse Siwe Ahigwa Buhongo! Hari Ikirwanisho Afise? Ikirwanisho Ciwe Si Uko Yavuze Ukuri? Onesime Nduwimana, Iyo Ariko Araburabuzwa Mungendo Ziwe, Hari Inkoho Yatwaye? Bunyoni Yibagira Ningoga Kuko Igihe Bagomba Kuyimwaka, Arazi Ico Yari Yayifatiye.

  • Uyonumusazi kandinumwicanyi

  • Uvuze neza BUNYONI ni muhashye abo bicanyi bashaka gutwika abarundi nimipine nkuko banyereye kugira nabi

  • Uvuzeneza ivyo bijuju vyimburamutima biterekwa iterambere nimubihashe kubera iki batoza kukazi bakirigwae mumakartiye.bicha benewabo kubujujugusabahendwa nabigombera kurya babichayeko nibaze twese twubake uburundi bwachu tureke abajejwu mutekano wabarundi nuburundi bakore.ibikorwa abarundi twabahaye izonkozi zibibi bitwaza ngobarondera amahoromikunajasha Bose bunyoni nabomurikumwe icho nigkorwa chanyunatwe abanyagihugu tuzobereka ahobazobabinyegeje hose kuko ntantambaratugishaka yatumariyeabacu abandinabo nibimuga .mbarize abobantu b mbeg bagomba kuzotwara uburundi bwuzuye imivyimba ibimuga

  • NAREKE kubesha, mbe igihe kamenge bica egide numugore wiwe ko batahugarije ngo baje gusaka, baja gusaka kubuza amahoro ahabereye imyiyerekano ntahandi kandi kubwabo igikorwa nukwicisha inzara nindwara abantu si ibiyobneranye mwaravyiboneye jabe iminsi ingahe bamaze munzu, ata na boutique yugururwa eka atagikorwa nakimwe cahabera uwuhirahiye akaja kukazai agasohoka yafatirwa aro yabo intwkwirembo akajanywa gufungwa, nahore ahubwo intwaro yabo yarushe nibatange imihoho vyihuta bahe igihugu ababishoboye kko abarundi barabiciye hejuru

  • Nagomba mpanure bunyoni gutoteza canke kwica rubozo atarivyo bizotuma abenegihugu biyumvamwo ubutegetsi,umuhari cndd fdd ukiri mwishamba abahoze ari aba FAB ntacobatakoz ngo batubuz kuwushigkira arko ntivyakunz icazany amahor n’ibiganiro

  • At Justice Kuribise, wibagiwe kuvugako abahaye ibirwanisho abobirirwa barabifatanwa karibobakwegeye akarambaraye aborinuragiriza Nyenicubahiro umushikiranganji Bunyini ngwarimwo arabica urubizo, ndiwewe nambukunda abobahawe ivyobidayimo vyibirwanisho uti nimwikureko ivyovyago mwahawe nabasubanyu mwebwe mukunzrkwita ababipfuriza kazozanziza.

  • NAGOMBA NDAKWIBUTSE WE BUNYONI PETER NAKO KARWI KANYU YUKO IVYO MUHAYE MUGIRA VYASIZWE NIGIHE SHA! NYAMBUFISE UBWENGE BUKORA NEZA NGIRA URIBUKA NEZA YUKO IVYO GUTOTEZA ABANDI ARIVYO VYATUMYE DUFATA IBIRWANISHO MU MWAKA YA 93 HAMWE BUYOZA YADUHIGA BUHONGO NGIRA URIBUKA AMA BOMBES TWATEWE AKADUSAMBURIRA AMAZU ZA KAMENGE,KINAMA,KANYOSHA,BUTERERE ,ZA RURAL,NAHANDI MUGA NGIRA MWESE ABO TWAFATANIJE URUGAMBA MURIBUKA YUKO BUYOYA NA EX FAB ATANAKIMWE ATAKOZE NGO ADUTUZE URAMAHERA URI INDEGE MUKUTURASA URI ZA BLINDES, URI AMATO,URI ZA BOMBES URI ZA SMO ZIRAVUKA URI YA EFFORT DES GUERRES MUGA NDIBAZA YUKO VYOSE ATACO VYAMUSHIKANYEKO GUSHIKA NAHO YARUHIYE KWEMERA KUJA KUMEZA Y’IBIGANIRO, MUGA DUSHITSE IVYO TWARI TWARASEZERANIYE ABARUNDI BURYA NIVYO TWAKOZE? USANGWA ARIVYO TWAKOZE NIVYIZA USANGWA ATARIVYO NAHO HARI HAGEZE YUKO TWISUBIRAKO TUGAHEBINGENDO YAKARENGANYO AGAHOTORO KUBO MUTAVUGARUMWE NKUKO TWAFASHE INZIRA Y’ISHAMBA MUNTUMBERO YUKWIYAMIRIZA IYO MABI YOSE HAMWE IVYO VYOBANDANYA NDAZI NEZA YUKO ATAGISIVYA UBURUNDI BUSUBIRA KUBA ICIBARE C’INGWANO!

  • komerezaho bararukarihije ruzobamwa baraga kizwa nibabisubize kuneza yabo komera mutama

  • NUKURI.BARUNDI.GEZAHO.KWICANA.NTASONI.IMANA.IRABABARA.MUBIMENYE.

  • Imana iyo yugaye ntawugurura. Nimureke kumarira abantu ubusa ntawugwanya Imana gwayishobore. Amasengesho yu munyavyaha nuruyogoyogo mumatwi yi Mana!!

  • Warundi,muratangaza.! Aho,nduwayo Na Kamwenubusa,maso,justice-kuribose,muriporitice,ubaza Ukiraba,ikibanza Uhagazemwo,ukibaza?Hamwe Nokora Ibi,buyoya Na Nyakubahwa,niyombare,sinduhije.Na Rajbu.Na Nditije,babifashijwe Nyakubahwa Kagame,ukaca Usubira Muricakibaza Cawe,uhagazemwo,ukwitanga Kwawe Mbega Umunyango Wawe Uri Murwand Canke Urihafi Yahuvugiriza Iyombunda?,inyishu,wamaze Kuyiha,ngenda Urondere Umwas Mukamenge Kuko Niho Uziga Umwasi,leta Yuzuriza Bose,kuko Inkuba Zibiri Ntizisangira Igicu,reka 3em Manda,mbega Komwitaze Gufhira Igihugu,uzokwibukwa Nande?Bdi,NDANDAYE NABIWE Sunya Ahomwamusize,abamwise Simwebwe,uyumusi Muti Uburund Ngobufatigwe Ibihano,ucomwamenya Abarund Subwambere Ndufatigwa Amaboko Imugongo,tuzorima! Ariko Amezi Canke Imisi Itatu,mwataze,turayirindiriye,umuca Mur Congo.Murwand,ikinezereze.Nuko KAGAME BUYOYA,GODFURUWA,SINDUHIJE,naho Bari Kugariza Ifashanyo,mumahanga,kaini Arabarindiriye,kuko Uwuguhenda Akubarira Ngo Nyogokuru Ngonumugore,ayomaraso,abayasesa,bazoyabazwa,MUNGU Nimwema Habad

  • nyakwubahwa bunyoni inkozi yikibi yose ntituyikeneye muburundi natwe abanyagihugu twese muntara zose turiteguye gutanga inkuru iyariyo yose twobona yotuma abajejwe umutekano bahasha umwansi wu burundi.

  • Bunnyoni wwe reka kwica ,waruzi umuntu bita van dam ,adolphe ,bose ububarihe???ntibapfuyye nkimbwa ?ubuntibariko baribwa ninyo?rindira nawewe imis yawe iraharuye!!!!

  • WESHA ONESMO TZ URAGENDE UHENF ISO NANYOKO AHO WIBWIRA YUKO USUMVYA INDE UBWENGEGA SHA? BURYA MWE HAMWE MWATANGURA INGWANO MUKAMENGE KO INKOHO MUTAJA KUZIRASIRA MURI ROHERO BWIZA CANKE KIGOBE! USANGWA WEWE URI UMUJA WA PETER NAKARWI KIWE TWEBWE SUKO HAMA IVYABAZOKUNAMIRA UPFUYE NI IBISANZWE! KUKO NA RUDOLUFE YARI YARIGIZE SURIVU MBONA TWAMAZE KUMWIBAGIRA KANDI UBU IYO ARI AZA YARAMAZE GUCIKA INYO! BURYA NGO KANDI AHO KUBIMBWA WOBIMVA NATWE MURI CNARED NTIDUTINZA GUPFA TANT QUE NS NS BATTONS POUR LA DEMOCRATIE!

  • Mwirigwa murigisha rubanda abanyagihugu batoya mubashiramwo politike yamacakubiri,ngwabatutsi bagirabagaruke kubutegetsi..kubera umutwe mutoya ajana narwo ingwano yatangura akaba ario bapfa.iconzi nkuru nako kagwi kiwe bokura meza hakiri kare

  • Domage,ico gipolisi categerezwa kubicisha inzara n’indwara akanyaro kagahera,hihiiiiii

  • Komera nuko hose kwisi abajejwe umutekano (police)bakora! atari gusamazwa n’amakungu amashirahamwe canke abamenyesha amakuru.

  • Mbe iyo nduru mutera kuri bunyoni n’umukobwa wiwe mwafashwe n’ibisazi?nimba mushaka kugwana bigire hama mureke guta amajambo ngo ihonyabwoko.mbe ko mwaritugiriy kuva kera mwabonye twarahony?vyanse ngo interahamw?mbe nizo zirasa kumusaga?????ngo imbonerakure zahaw inkoho?ni bande barara bararasa?turazi yuko pacifique yabashize mw’ibarabara ngo muturire abahutu.mugabo ntabo muzopfa mumaze naho birya bipfa mutima vyobafasha.wait and see.abazungu urungoro ntarwo bazosubira kubaha kubera idiri babahay yaranse!!!!!!

  • ASHA URIHENDA WEWE WIYUMVIRA YUKO BICISHIJWE INZARA ARIHO BOHESHA! NYAMBUKUZE NGIRA WOBA WARABONYE YUKO MUNGWANO BUYOYA ATABUHINGA NABUMWE ATAKORESHEJE NGO ATUZE ABASAYA MUGA SINIBAZA YUKO VYAMUKUNDIYE! URIBUKA YUKO YAMA AFATA BABAHUTU BARI MUMAKAMBI DE CONCENTRATION AKABICARIKA ABARABISHA IYO IZUBA RISERUKANA UMUSI WOSE RYAHINDUKIRA MU BURENGERO AKABAHINDUKIZA YARABISHE UKO ASHOBOYE NONE YARABAHEJEJE GASHA? NAMWE NIMUGERAGEZE MUGA NDAZI NEZA YUKO MUTAZOGENDA MUBAHEJEJE KANDI NAMAHORO ARIKURE NKUKWEZI!

  • @Nduwayo
    Ntaco au moins twoba twagerageje,il faut toujours essayer jewe ndaziko bohera,hihihihiiiiiii.

  • MURAHUMBA MWE MUCITWAZA IVYAMACAKUBIRI MBE AHO IMBONERAKURE ZIVUGISHA NGO NTABANTU ZICA BURYA HAMWE IMYIYEREKANO YATANGURA NINDE YATANGUYE KURASA ABARI MUMYIYEREKANO SI IZO SOIENT DISANT ABA POLISI BATAZI NICO BAJEJWE ! MBE AHO MUGOMBA GUSAMAZA ABARUNDI ISINZI MWITWAZA IVYAMACAKUBIRI USANGWA MUHAYE MWIHORA MAMA WANJE ABATUTSI KWIRYO HONYABWOKO BABAGIRIYE HAMA BARYA BAHUTU NABO BAMYE BICWA NA FDD KUVA MURI 2005 GUSHIKA UNO MUSI BAZIRA KUBA ARI ABA FNL NABO BAGIRIYE INDE IHONYABWOKO MURAHENDESHE IZO PROPAGANDE ZANYU IZO MBONERAKURE NAYO TWEBWE MURI CNARED NTIBIKUNDA SHA.

  • barundi gezaho ubwicanyi nayahandivyase nibabafatire ibihano bagufashe wishe nibakwicenawe.

  • @cedric
    Abo ba fnl nimba barishwe na benewabo bareke bavyibarize we nawe utuzanire abo kwa micombero,bikomagu,buyoya na bagaza n’ibindi binywamaraso.Nimba amacakubiri adakunda,wewe bandanya ubabwire ubumwe turabe ko bikunda,tu parles,amacakubiri ni cartes izirya zose raba nubu muvuza induru ko mutemera inzego zihari muguma mwiharanga ngo 40 poucent zanyu ntizikogweko ,ahubwo wewe uzohende abatabazi,muzishakako iki?

  • Ariko uru rubuga rwari rufashije ababoze ku mutima kwihaga kweri. Uyo yiyita fidelite ararushe Imana yari ikwiye kumufasha akava mu muzimiza arimwo. Kirazira kwenyaguza kuko ejo ntuzi aho uzoba uri, urashobora kuba wafashe ico kibanza abandi barimwo.

  • @fidèle
    Ndakwishura nkuko nishuye uwundi,ngo ndarushe,ego nivyo ndarushe ariko simpeba kubera ntawurya akatamugoye,abahutu ntidushaka gusubira gutegekwa n’abatutsi .Hanyuma umenye abatutsi baranyigishije kuba sadique ,aucune empathie et je trouve que ça ne vous fait rien,,pourqoui moi je dois etre empathique,pour me faire bouffer?Pas question.Uracavuga ko nshobora kuba muri ivyo bibanza barimwo,nabikuriyemwo donc je comprends ce qu’ils vivent ikibazo namaze kuba nkamwe siniriwe ndasigura vyinshi,vive ce site peu importe nyeneyo komera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.