IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Buramatari wa Kirundo yemeza ko ata nterahamwe zicumbitse mu ntara (...)

Buramatari wa Kirundo yemeza ko ata nterahamwe zicumbitse mu ntara arongoye

jeudi 8 Rusama 2014

Bimaze iminsi bivugwa ko hoba hari interahamwe zoba zicumbitse mu ntara ya Kirundo ihana urubibe n’igihugu kibanyi c’Urwanda. Buramatari w’iyo ntara arabibeshuza.

Mu kiganiro uwutwara intara ya Kirundo, Révérien Nzigamasabo yagiranye n’abamenyeshamakuru yaragarutse ku kibazo c’interahamwe bivugwa ko zoba zisigaye zibera muri iyo ntara ihana urubibe n’Urwanda, zigakorana n’Imbonerakure mu bikorwa vyo guhohotera abatari mu mugambwe CNDD FDD. Révérien Nzigamasabo, buramatari w’intara ya Kirundo arabeshuza ko hari interahamwe zoba ziri mu ntara arongoye.

Révérien Nzigamasabo yamenyesheje ko hakozwe rusansuma rw’abanyamahanga mu Kirundo, aho bashoboye gusanga hari abanyarwanda bashika ku 400 badakwije ibisabwa n’amategeko. Avuga ko ikibazo cabo bakivuganyeko n’ababijejwe mu Rwanda, kandi ko kigiye kuva mu nzira. Révérien Nzigamasabo, buramatari w’intara ya Kirundo amenyesha ko imigenderanire hagati y’intara arongoye n’Urwanda yifashe neza.

JPEG - 48.5 ko
Révérien Nzigamasabo, buramatari w’intara ya Kirundo

Twobibutsa ko iyo nkuru y’imbonerakure yatanguye gutangazwa n’uwutwara umugambwe FRODEBU Nyakuri mu Kirundo, aho vyanavuzwe ko izo nterahamwe zoba zifasha urwaruka rw’Imbonerakure mu myimenyerezo ya gisirikare. Izo nterahamwe zivugwa zagirizwa ihonyabwoko rwabaye mu Rwanda mu mwaka w’1994.


Isabelle Simbarakiye

Messages

  • KIRUNDI YARAGOWE NIMBA BARYA BACUMBITSE MU BUGABIRA ARI INTERAHAMWE KAGAME ATABIZI WE NTA DEYA NKA PETER YODUSYA....ARIKO KIRUNDO NIYOKWIHA ISURA RYIZA ...

  • EWE INTERNET URI NZIZA UZA URATWEREKA ABANTU BAMWE BAKENEWE KUMENYWA, NKUYO BULAMATARI TWARI DUKWIYE KUMUMENYA KUKO AVUGWA KO VYINSHI.

  • Murarabe neza iyo nkuru twumva ngo yatanzwe na Jean Minani kuko ntawokwibagirwa ivyo yavugiye kuri radio Rwanda mu 1993 ngo"hagarara bwuma"ubwo nukwitondera amakuru yiwe ashobora kubamwo ibihuha kugira ateranye,ariko nohanura abanya Kirundo kutumvira abanyepolitik babi,abategetsi ba Kirundi namwe mube indongozi zikerebutse mwigishe nyabuna abanyagihugu kurwanya ubukene.

  • kirundo urinziza gusa Nuko inzara nibindibyago bikugendaho waranyibarutse none ndumugabo njye ndagusengera gusa kumpande zose nkumuntu urimurwanda narabaye nomukirundo terse umutekano ninshingano zacyu ntakirundo ntabugesera hose ntiwatandukanya umurundi numunyarwanda bahuje burikimwe bamwe wasanga bafite na karangamuntu2 igikuru nuguhimiriza abanyagihugu gukunda bakabana mumahoro THC God bless u.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.