IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Buringa : Abantu babiri banyurujwe

Buringa : Abantu babiri banyurujwe

mercredi 29 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu babiri bagizwe n’umunyeshure yiga mu mwaka w’icumi kw’ishure ryisumbuye rya Buringa i Gihanga baranyurujwe kuva ku mugoroba wo kuri uwu wa mbere. Abo bantu burijwe ku nguvu imodoka itagira iparati ndangamuduga (Plaque), ibakuye kw’ibarabara aho bari bahagaze.

Uwo munyeshure yanyurujwe ari kumwe na mugenzi we azwi kw’izina rya NIYONKURU Vincent, akaba yahamagawe kuri terefone n’uwo mugenzi we. Abababonye bakavuga ko uko ari babiri bari kumwe, uwo munyeshure aherekeje uwari yamuhamagaye.

Bageze kw’ibarabara, i ruhande y’ubunywero bita SAGA Rukoko, niho imodoka yabanyuruje yashika, bompi burizwa ku nguvu, ijisho rikaba ryabaye iryo, nk’uko abajejwe intwaro i Buringa babimenyesha.

Ababanyi b’uwo munyeshure bakavuga ko batamenye uwo muntu yamuhamagaye amukura aho yari ari.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.