IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Buringa: Ibikoresho vy’igisirikare vyafashwe mw’isakwa ryagizwe

Buringa: Ibikoresho vy’igisirikare vyafashwe mw’isakwa ryagizwe

samedi 7 Kigarama 2013

Mu gihe mu kirwati ca Buringa kiri muri komine ya Gihanga mu ntara ya Bubanza hama hikekwako, hariyo abantu boba batunze ibirwanisho batabifitiye uburenganzira ivyo navyo bigatuma hoba hari ababikoresha mu bubisha butandukanye, inzego z’umutekano mw’isaka ryagize, ibitari bike mu bikoresho vya gisirikare na giporisi vyafashwe.

Muri iryo sakwa ryagizwe kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 6 Kigarama uyu mwaka, hafashwe ibitari bike mu bikoresho vya gisirikare na giporisi. Muri ivyo hakaba harimwo imbugita z’igisoda, umwambaro umwe w’impuzu z’igisirikare, umwambaro w’ibirato vy’igisoda, ibiro bibiri vy’urumogi hamwe n’amaritiro ashika ku 1130 y’inzoga y’umudiringi.

Abajejwe intwaro bariko barafashanya n’inzego zijejwe umutekano muri iryo sakwa, bakaba basavye abanyagihugu gutanga ku bushake bwabo ibirwanisho batunze, eka ndetse n’ibikoresho vya gisirikare, mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gihugu. Bakamenyesha ko uwutanze ikirwanisho ku bushake bwiwe atangorane zimugarukako, ariko uwugifatanywe n’inzego z’igihugu zijejwe umutekano aheza agahanwa n’amategeko.

Ikindi naco, ikaba ari inzoga y’umudiringi, bigaragara ko muri ico kirwati vyanse ko bayiheba. Abanyagihugu baho i Buringa bakaba bahamagarirwa kudoma urutoke badatinya, kandi atawe bakingira ikibaba kuri uyo wese ahungabanya umutekano, eka nabo bose bakora iyo nzoga itemewe n’amategeko.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.