Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burkina Faso: Abantu 10 baramaze gupfa abandi 100 barakomereka mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso: Abantu 10 baramaze gupfa abandi 100 barakomereka mu (...)

Burkina Faso: Abantu 10 baramaze gupfa abandi 100 barakomereka mu myiyerekano

dimanche 20 Nyakanga 2015

Abantu 10 baramaze gupfa,abandi 100 barakomereka mu myiyerekano yo kwiyamiriza itembagazwa ry’ubutegetsi ryakozwe n’umurwi w’abasirikare bari mu bacunga ubuzima bw’umukuru w’igihugu.

Umwe mu bakozi b’ivuriro ku murwa mukuru Ouagadougou yabwiye ikinyamakuru Reuters ko muri abo bantu 10 bamaze gupfa harimwo umwana w’imyaka 14 kandi ko abenshi mubo bakiriye bafise ibikomere vy’amasasu.

Ku wa gatandatu igenekerezo rya 19 Nyakanga 2015, niho abantu benshi bagiye mu myiyerekano baturira amapine y’imodoka ndetse bugara amabarabara mu ntumbero yo kubuza abasirikare ba Gen Gilbert Diendéré yafashe ubutegetsi ku nguvu gukwiragira mu gisagara.

Umukuru w’igihugu ca Senegal Macky Sall yamenyesheje ko inyuma yo kugiranira ibiganiro na Diendéré hari icizere ko ubutegetsi bushobora gusubira mu minwe y’abanyagihugu,umukuru w’igihugu mfatakibanza Michel Kafando akabandanya kurongora igihugu.

Kuwa gatanu ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika(AU) ryakuye Burkina-Faso mu bikorwa vyaryo, riha abatembagaje ubutegetsi amasaha 96 yo kuba basubijeho Reta mfatakibanza canke bitabaye ukwo bafatirwe ibihano birimwo kubuzwa gutembera mu bindi bihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.