Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burkina Faso : Abasirikare babiri bariko barwanira intebe yahorako Blaise (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso : Abasirikare babiri bariko barwanira intebe yahorako Blaise (...)

Burkina Faso : Abasirikare babiri bariko barwanira intebe yahorako Blaise Compaoré

samedi 1er Munyonyo 2014

Inyuma yaho Blaise Compaoré atangarije ko atanze imihoho yiyamirijwe n’abanyagihugu yari arongoye, ikibanza c’umukuru w’igihugu kiriko kirwanirwa n’abagabo babiri b’abasirikare.

Umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare yatanganje ko ariwe agifashe, umuvugizi w’igisirikare akongera akaba icegera c’uwari ajejwe gucunga ubuzima bwa Blaise Compaoré ati nije ndagifashe. Iyo ntambara rero yo kugwanira ubutegetsi hagati ya Général Honoré Traoré arongoye ibiro bikuru vya gisrikare, na Lieutenant-Colonel Isaac Yacouda Zida umuvugizi w’igisirikare, ikaba itaza kworoha nk’uko bivugwa n’abariko barakurikiranira hafi ikibazo ca Burkina Faso.

Général Honoré Traoré akaba yari yamenyesheje kuri uyu wa 31 ko ariwe yashikiriye amabanga yo kurongora igihugu vy’imfatakibanza naho atashikirije uko azosubiza ubutegetsi abanyagihugu, haciye akanya Lieutenant-Colonel Isaac Yacouda Zida nawe ati nyabuna ni jewe, ivyo akaba yabivuze imbere y’isinzi ya bantu, abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, n’abandi batandukanye, mbere n’ibwirizwa nshingiro ryo mwaka w’1991 akaba yaciye aba ararihagaritse, mu kumenyesha ko rizosubizwaho ariko mu nyuma.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.