Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burkina Faso: Abasirikare bafahse ubutegetsi barekuye Michel Kafando,Isaac (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso: Abasirikare bafahse ubutegetsi barekuye Michel Kafando,Isaac (...)

Burkina Faso: Abasirikare bafahse ubutegetsi barekuye Michel Kafando,Isaac Zida aguma apfunzwe

vendredi 18 Nyakanga 2015

Umurwi w’igihugu wa Demokrasi urongowe na Gen Gilbert Diendere wamenyesheje ko uwahora ari umukuru w’igihugu n’abashikiranganji bari bafashwe n’umurwi w’abasirikare bacungera umukuru w’igihugu barekuwe.

Inyuma y’umunsi umwe Gen Gilbert Diendere afashe ubutegetsi,ibintu biracifashe nabi.Imigambwe yahamagariye abanyagihugu kudakurikiza amategeko atanzwe n’abategetsi bashasha,mu gihe amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yasavye abanyagihugu kwihereza amabarabara.

Abanyagihugu batandatu baramaze gupfa,abandi bashika 60 nabo barakomereka ,mu gihe abasirikare bacunga umukuru w’igihugu bagerageza guhagarika imyiyerekano yo kwiyamiriza abasirikare bafashe ubutegetsi.

Mu gatondo ko kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 18 Nyakanga 2015,Gilbert Diendere yavuze ko Michel Kafando yarekuwe,ariko acungiwe aho aba,mu gihe Isaac Zida umushikiranganji wa mbere akiri mu minwe y’abasirikare bacunga ubuzima bw’umukuru w’igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • yateye coup d’etat none nawe barayimuteye, ata mupresident ava mubarabara arama, lybie, Misiri nahandi hose nabonye baca babakura nyuma yiyinga rimwe. baba banyuze inzira zidashyika.

  • Yemwe barundi barundikazi gitomwe,nimwumvibibaye bagirango ikibazo kirakemuwe none gisubiy’ibuti mweho vyorushirijaho!

  • Bagize neza ko batamwishe Umukuru wigihugu yari sebuja wabo na Bashikiranganji. kuko biyangaye ba musubize ku butegeci basabe ikigongwe. kuko ibihano bizobomora. Abanyagihugu batekane. ni baja mu mwiyerekano bazohasiga ubzima.

  • Mugozi ivyo uvuze nivyo,ibihugu vyose vyagiye mu mabarabara nta mu perezida numwe yagumyeho,muri egypte hoho warabonye uwashizweho n’ibarabara ubu arapfunzwe nimba batamuciriye ugwo gupfa,muri lybia umukuru w’abagumutse bengazi bamwishe kera,ikintu kitwica abazungu baraza bakigira abakunzi ,vyayangara ntusubira kubabona ugasanga turiko twisamburirako,ariko nezerewe cane nivyo bisoda burkinabés,ubwo murazi utu manifestants turaho n’udu civiles twaho ingene twari dutanguye kwigira surivu,twatukana,tukinjira mubibera mu bindi bihugu vya africa,tweho i burundi ntiwarikuraba,reka babansubirize hasi,ubu rero nibakore manif nyazo bahangane n’abasoda turabe,hihihiiiiii,abanyafrica nkabo nibo badusubiza inyuma?
    Mbega murazi ko ka RUGURIKA kari muri burkina urya munsi?Ngo kaciye kaja kwinyegeza nubu ngira karacadegedwa nimba karashoboye kuhava amarembe,kibaza ngo ni i bujumbura ababiligi babagize sinkogwako,ubu ni cwe ntikasubiye kwishongora,kari kagiye ngo mu bintu vya liberte de la presse ,gashitseyo ama radio baca barayaturira,vraiment utwo tumenyeshamakuru dushaka kwishira hejuru y’amategeko tuze turitonda,hahahhaaaaaaa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.