Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burkina Faso: Abasirikare bo ku mpande zose bashize umukono ku masezerano (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso: Abasirikare bo ku mpande zose bashize umukono ku masezerano (...)

Burkina Faso: Abasirikare bo ku mpande zose bashize umukono ku masezerano y’amahoro

mercredi 23 Nyakanga 2015

Abasirikare batembagaje ubutegetsi mu gihugu ca Burkina Faso bari kumwe n’abasirikare bayoboka intwaro mfatakibanza bashize umukono ku masezerano yo kugarukana amahoro mu gihugu.

Ayo masezerano yateweko umukono mw’ijoro ryo kuwa kabiri igenekerezo rya 22 Nyakanga 2015,imbere y’umwami Mogho Naba ,asaba ko abasirikare batembagaje ubutegetsi basubira mu makambi,abasirikare bayoboka intwaro mfatakibanza nabo bagasubira hirya y’igisagara ku birometero 50.

Mu gihe abasirikare bayoboka ubutegetsi mfatakibanza bwari bwasavye ko abasirikare batembagaje ubutegetsi bakwa ibirwanisho siko vyagenze,kuko basabwe gusubira gusa mu makambi.

Gen Gilbert Diendere yari yafashe ubutegetsi yamenyesheje ko kuva kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 23 Nyakanga 2015,Michel Kafando yari yatembagajwe ku butegetsi abusubizwako.

Aho ni mu gihe intumwa z’ishirahamwe ry’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’uburengero CEDEAO bashika mu gihugu ca Burkina Faso,ariko akaba ari Gen Diendere yavuze ko ariwe abakira mu gihe,Michel Kafando ariwe aca abaherekeza.

Gen Gilbert Diendere yari yafashe ubutegetsi kuwa kane igenekerezo rya 17 Nyakanga 2015,inyuma yaho abasirikare bo mu rwego rucunga umukuru w’igihugu bahagarika umukuru w’igihugu mfatakibanza n’umushikiranganji wa mbere.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.