Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burkina Faso: Amakungu asaba irekurwa ry’umukuru w’igihugu Michel (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso: Amakungu asaba irekurwa ry’umukuru w’igihugu Michel (...)

Burkina Faso: Amakungu asaba irekurwa ry’umukuru w’igihugu Michel Kafando

jeudi 17 Nyakanga 2015

Amakungu asaba ko umukuru w’igihugu ca Burkina Faso Michel Kafando n’umushikiranganji wiwe wa mbere Isaac Zida barekurwa kugira intwaro nfata kibanza ibandanye mu mutekano.

Umukuru w’igihugu Michel Kafando yafashwe n’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho,kuwa gatatu igenekerezo rya 16 Nyakanga 2015 ari kumwe n’abashikiranganji mu nama.

Mw’itangazo ry’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,Cedeao n’ishirahamwe mpuzamakungu,ayo mashirahamwe amenyesha ko yakiranye umubabaro ifatwa ry’umukuru w’igihugu n’umurwi w’abasirikare basanzwe bari mu bamucungerera umutekano.

Ayo mashirahamwe amenyesha ko ivyabaye ari uguhonyanga ibwirizwa nshingiro,hamwe n’amasezerano agenga intwaro nfatakibanza,agasaba ko abari mu nzego z’umutekano mu gisirikare n’igipolisi kuyoboka abategetsi ba politike b’infatakibanza.

Ayo mashirahamwe arangiza amenyesha ko abahagaritse umukuru w’igihugu n’abashikiranganji bazobibazwa,bakemeza ko bashigikiye intwaro nfatakibanza nico yiteguye gushikako.

Mu murwi wa ONU ujejwe amahoro n’umutekano basaba ko umukuru w’igihugu ca Burkina Faso Michel Kafando n’umushikiranganji wa mbere Isaac Zida barekurwa ari bazima kandi mu maguru masha.

Umukuru w’igihugu Michel Kafando n’abashikiranganji bahagaritswe n’umurwi w’abasirikare bacunga umukuru w’igihugu kuwa gatatu igenekerezo rya 16 Nyakanga igihe bari mu nama nshikiranganji.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.