Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burkina Faso: Gen Diendere yemeye gusubiza ubutegetsi abanyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso: Gen Diendere yemeye gusubiza ubutegetsi abanyagihugu

Burkina Faso: Gen Diendere yemeye gusubiza ubutegetsi abanyagihugu

mardi 22 Nyakanga 2015

General Gilbert Diendere yafashe ubutegetsi mu gihugu ca Burkina Faso, avuga ko yiteguye kubusubiza Reta y’abanyagihugu inyuma y’ibiganiro bihagarikiwe n’abahuza bo mu karere.

General Gilbert Diendere, yatembagaje ubutegetsi arongoye umugwi w’abasirikare bacunga ubuzima bw’umukuru w’igihugu kuwa kane igenekerezo rya 17 Nyakanga 2015.

Mw’ijambo yashikirije inyuma yaho abasirikare bayoboka intwaro mfatakibanza basabiye umurwi w’abasirikare wari watembagaje ubutegetsi gushira ibirwanisho hasi, yasavye ikigongwe igihugu avuga ko adashaka ko hari ayandi maraso aseseka.

Igisirikare kiyoboka intwaro mfatakibanza bemeye ko umurwi w’abasirikare watembagaje ubutegetsi,ugirirwa ikigongwe ariko wemeye gushira ibirwanisho hasi.

Biravugwa ko General Gilbert Diendere yahungiye muhira ku mutegetsi umwe kama,mu gisgara ca Ouagadougou.


Van Naris Mugisha

Messages

  • n umusazi kirazira gusubiza

  • il mérite la pendaison comme niyombare au burundi. que les putschistes au burundi y trouvent leçon. le pouvoir est pour le peuple qui élise les leurs et non l’usage de force.

  • Naho yasavye ikigongwe ntiyibazeko bizomworohera.Iyo yemera akari mu menyo y’imbwa bakagakuzayo ubuhiri.Ariko ndaguye ndagarutse yashatse gukingira umuryango wiwe.

  • ewe ncuti yanje urabanza ubaze Emmanuel Nkeshimana aririmba ati urantunga perezida urantunga ukutabwirwa kurazirwa..........
    usanga rero humvirizwa abavuga mwenuko.
    DOGO eyi nawa ati ikibwigwa ni icumva icerakwa ni ikibona mwoye kujana Nyabahururu!!! gerageza rero.....

  • ewe fulgence ivyo muri burkina nuburundi ntaho bihuriye niwaba ufise umutwe ukora neza.

  • ATARI MUBURUNDI BATAGIRICO BUBAHA ABANDI BARATINYA AMAKUNGU KANDI RABA IBIGANIRO NIVYO BITUMYE BISHOBOKA!!! KANDI IYATAJA MUBIGANIRO NTIYARI KUBONA AMAKOSA NA PITA YOJA MUBIGANIRO NIHO YOKWUMVA AHUKURI KURI!! KANDI NDAZI YOSABIKIGONGWE ABANYAGIHUGU.

  • numugabo kdi yagaragaje ko adashaka ko muri bourkina faso hameneka andi maraso n’umwiryane.ahosheje urugomo,ubugome n;idindira ryiterambere mugihugucye.uwabushubijwe nawe amureke atange amahoro mugihugu.kuko bamugiriye ikigongwe baba bamwishe iyo baba abagome cange abanyabwenge buke nka president nkurunziza nabambari biwe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.