Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burkina Faso : Reta mfatakibanza itwawe n’uwutari umusirikare (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Burkina Faso : Reta mfatakibanza itwawe n’uwutari umusirikare (...)

Burkina Faso : Reta mfatakibanza itwawe n’uwutari umusirikare yumvikanweko

jeudi 6 Munyonyo 2014

Mu gihugu ca Burkina Faso, impande zose zirahuriza kw’ishingwa rya Reta mfatakibanza irongowe n’uwutari umusirikare.

Imigambwe isanzwe itavuga rumwe na Reta ya Blaise Compaoré yahoze ari umukuru w’co gihugu, imigambwe imwegereye, abasanzwe bari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ,abarongoye amadini n’abarongoye igisirikare bose baraye bemeranije kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 5 Munyonyo, ko boshiraho Reta mfatakibanza irongowe n’uwutari umusirikare.

Uwo mwumvikano wavuye mu biganiro vyari bihagarikiwe n’abakuru b’ibihugu vya Ghana, Sénégal hamwe na Nigeria batumweko nk’abahuza. Impande zose rero zemeranije ko hoshirwaho Reta mfatakibanza irongowe n’uwutari umusirikare, gushika mu matora ategekanijwe mu mwaka w’2015, nk’uko John Dramani umukuru w’igihugu ca Ghana yabishikirije. Yagize ati : "Ndizera ntakekereranya ko mu minsi iri mbere, abanyagihugu bazoba bafise umurongozi w’igihugu bumvikanyeko."
Ariko rero avuga ko batarahuriza kw’izina ry’uwo muntu atari umusirikare yotwara Reta mfatakibanza.

Tubibutse ko ubutegetsi bwa Burkina Fasso bwabaye burafatwa n’igisirikare kuva aho Blaise Compaoré akomborewe n’abanyagihugu bo muri Burkina Fasso.


Floxella Karire

Messages

  • Ntahantunahamwe habaye amahinduka nkayo ngubutunzibugende budahungabanye ekanumutekano bifata igihwkinini kugira wongere usubirane, ivyorero ntawozaravyifuzakovyoba ahahereye vyobiraba arukovyananiranye muguhendahenda, ariko nabobantu ntakwobataribagize muguhendahenda kugezaho umukuruwigihugu atwara imyaka irenga 20! Guhendahendanavuze ninko kureka umukuruwigihugu agatwara kugeza kumyaka 15 ariko vyinjiyemuri 16 umwanyawariwowose nukwitega amajanyuma mugihugu mwakinogihe ububyarahindutse abatwaye igihwkirekire harikwra ubuntibigikunda.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.