Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burkina Faso:Inama y’umutekano ya ONU iriyamiriza itembagazwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso:Inama y’umutekano ya ONU iriyamiriza itembagazwa (...)

Burkina Faso:Inama y’umutekano ya ONU iriyamiriza itembagazwa ry’ubutegetsi

vendredi 18 Nyakanga 2015

Inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU iriyamiriza ihirikwa ry’ubutegetsi nfatakibanza mu gihugu ca Burkina Fasso,ikemenyesha ko umusirikare yafashe ubutegetsi atabusubije azofatirwa ibihano.

Mu nama yabaye kuwa kane igenekerezo rya 17 Nyakanga 2015 ,inama y’umutekano muri ONU yasavye irekurwa ry’abategetsi bose bafashwe n’iyubahirizwa ry’ikirangaminsi c’intwaro nfatakibanza hamwe nuko amatora yoba kw’igenekerezo rya 11 Munyonyo 2015 nkuko bitegekanijwe.

Tété Antonio aserukira ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika muri ONU,yavuze ko intumwa idasanzwe ya ONU mu karere ka Afrika y’Uburengero Mohamed Ibn Chambas yavuganye na Gen Gilbert Diendere yafashe ubutegetsi amubwira ko mu gihe atokwubahiriza amasezerano mpuzamakungu araba ivyo amatora,intwaro no guhindura ibwirizwa nshingiro.

Tété Antonio yavuze ko ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ata gaciro riha ikurwa ku butegetsi rya Michel Kafando kandi ko rishobora gufata ingingo zikomeye mu gihe atokwbahiriza amategeko.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.