Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burkina Faso : Ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika riragabisha ubutegetsi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso : Ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika riragabisha ubutegetsi (...)

Burkina Faso : Ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika riragabisha ubutegetsi buhari

mardi 4 Munyonyo 2014

Inama nkuru y’umutekano y’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika isaba igisirikare ca Burkina Faso gusubiza ubutegetsi muri izi ndwi zibiri ziza, atari aho ibihano bishobora gufatwa.

Indwi zibiri nico kiringo catanzwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika kugira igisirikare kibe catanze ubutegetsi. Ivyo bikaba vyavugiwe mu nama y’umutekano y’iryo shirahamwe. Mu gihe naho batovyubahiriza, ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika rimenyesha ko ibihano bitegekanijwe kuri ico gihugu.

Ivyo ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika ribishikirije inyuma yaho Lieutenant Colonel Isaac Zida yiyemeje imbere y’abasanzwe baserukira ibihugu vyabo ko azoshiraho Reta mfatakibanza itwarwa n’umutegetsi bumvikanyeko bose kandi nk’uko bitegekanywa mw’ibwirizwa shingiro.

Amakuru tubandanya dukura ku kinyamakuru Jeune Afrique amenyesha ko Zida yongeye aranamenyesha ko imbibe z’igihugu zisubiye kwugururwa kugira ibikorwa na cane cane bijanye n’ubutunzi bisubire, nk’uruja n’uruza rw’abantu n’ibintu bibandanye. Tubibutse ko iminsi itatu inyuma yaho Blaise Compaoré atanze imihoho ,igisirikare ca Burkina Faso nico caciye kija ku butegetsi, Lieutenant Isaac Zida akaba yaciye aba ariwe ararongora Reta mfatakibanza.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.