Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burkina Faso: UA igiye gufatira ibihano abasirikare bacunga ubuzima (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso: UA igiye gufatira ibihano abasirikare bacunga ubuzima (...)

Burkina Faso: UA igiye gufatira ibihano abasirikare bacunga ubuzima bw’umukuru w’igihugu

samedi 19 Nyakanga 2015

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika rimenyesha ko rizofatira ibihano abasirikare bo mu rwego rucungera ubuzima bw’umukuru w’igihugu, bafashe ubutegetsi mu gihugu ca Burkina Faso.

Abagize Reta bafatiwe hamwe n’umukuru w’igihugu mfatakibanza Michel Kafondo,mu gihe bari mu nama nshikiranganji,abatembagaje ubutegetsi bemeza ariko ko yamaze kurekurwa.

Urwego rw’abasirikare bacungera umukuru w’igihugu rwatanye mu mitwe n’abanyagihugu bari mu myiyerekano i Ouagadougou,biyamiriza itembagazwa ry’ubutegetsi,aho humvikanye urwamo rw’inkoho hafi y’ ikibuga c’ indege.

Abakuru b’ibihugu vya Benin na Senegal bari i Ouagadougou mu biganiro n’abatembagaje ubutegetsi muri Burkina Faso.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Mwabuze ico mukora ko uburundi bwabananiye kubufatira ibihano bane akarenganyo ntikazobura kurinosi y’imana. Hahanwa abataribo reka 3eme guerre mondiale itangurire muri africa nayo ivyo mwivugisha n’ubusa kandi nimwaraba nabi abazungu bazosubira kubakoroniza ubugira kab iri none africa ko yabananiye kuyitwara reka baze mwishinga mujujuta ngo mugomba mufatire ibihano, abakwiye ibihano naba bigugumiza kubutegetsi.

  • abo basoda nibafatire ibihano kuko bameze nkabamwe bomuburundi kuko birafitaniye isano uravye abobasoda nabari bashigikiye abahoze kubutegetsi nuko no muburundi bimeze abatwaye imyaka4O nibo bagira makudeta nibamirire kure bamenye ko amakudeta atagishoboka muribihe abene gihugu nibo bafise ijambo

  • Nibaza Ko Hamwe Uyo Bakuye Yoba Yarakorey Igihugu Nabi,Abo Basirikare Nibabareke Bo Baciy Ubwenge Bavyur Igihugu.N Imana Ntikunda Ko Abantu Yaremye Bapfa Rubi Kandi Har Intwari.Mwibuke Ab Isirayeli Muri Egiputa,Imana Yumvis Iminiho Yabo Ic Iratabara.Kimwe Gusa Ntibice Kuko Ng Uwicish Inkota Nawe Niy Azicishwa.Ni Harambe Ukuri.

  • Iyo Myifato Y’abasirikare Ndayiteye Ivyatsi Barakwiy Ibihano Bidasanzw

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.