Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burkina Faso: Umukuru w’inama nshingamateka nfatakibanza yamenyesheje ko (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Burkina Faso: Umukuru w’inama nshingamateka nfatakibanza yamenyesheje ko (...)

Burkina Faso: Umukuru w’inama nshingamateka nfatakibanza yamenyesheje ko ariwe aramutswa ubutegetsi

vendredi 18 Nyakanga 2015

Chérif Sy arongoye inama nshingamateka mfatakibanza muri Burkina Faso amenyesha ko ariwe arongoye igihugu ivy’imfatakibanza,agasaba abnyagihugu kwiyamiriza ifatwa ry’ubutegetsi ku nguvu n’akarwi k’abasirikare.

Chérif Sy yavuze ko itembagazwa ry’ubutegetsi ata gitangaza kirimwo kuko yari yavuze kuva intwar mfatakibanza itangura ko mu gihe urwego rwa gisirikare rucunga umukuru w’igihugu rutosubirwamwo gutunganywa hanyuma abasirikare bakimurwa bishobora gutera ingorane mu gihugu.

Umukuru w’inama nshingamateka mfatakibanza yavuze ko yari yagabishije ko abo basirikare bashobora gukora ibishoboka kugira amatora ntabe.

Chérif Sy amenyesha ko ariwe atwara igihugu kuko abihabwa n’amasezerano ashiraho Reta mfatakibanza hamwe n’ibwirizwa nshingiro ry’igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.