Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burkina faso : Zida asa n’uwutemera gusubiza ubutegetsi uwutari (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Burkina faso : Zida asa n’uwutemera gusubiza ubutegetsi uwutari (...)

Burkina faso : Zida asa n’uwutemera gusubiza ubutegetsi uwutari umusirikare

vendredi 7 Munyonyo 2014

Umukuru w’igihugu ca Burkina Faso vy’imfatakibanza, Lt Col Isaac ZIDA asa n’uwudatomora namba agiye gusubiza ubutegetsi uwutari umusirikare mu kiringo kitarenze indwi zibiri, nk’uko vyari vyasabwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, aho mbere iryo shirahamwe ryagabisha ko n’ibihano bizofatwa mu gihe ivyo basaba bitokurikizwa.

Ikiringo c’iminsi cumi n’itanu rero nico catanzwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika kugira uwuramutswa ico gihugu vy’imfatakibanza abe yashikirije ubutegetsi ku wutari umusirikare. Lt Colonel Isaac Zida gushika ubu avuga ko ivyo biraba ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika. Mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa kane i Ouagadougou, yavuze ko ico kiringo catanzwe kitamuraje ishinga namba. Ku bwiwe, igihambaye n’ugushika ku mwumvikano wotuma bashika ku mpera y’umwaka ata ngorane, bakongera bagakora amatora.

JPEG - 92.4 ko
Lt Colonel Isaac Zida

Tubibutse ko igisirikare cafashe ubutegetsi inyuma yaho Blaise Compaore atangiye imihoho biturutse ku migumuko ikomeye y’abanyagihugu. Ubutegetsi buhari bukaba bwemeye gutunganya amatora mu kiringo c’umwaka umwe, ariko ntiburavuga uwuzorongora igihugu vy’imfatakibanza gushika ico gihe.


Floxella Karire

Messages

  • aha gutwara igihugu biraryoshe kuba nya frika eka ntariko arakirekura kuko arazi ico azohakura kubera iki we ?, ntubona ko bapfuma bahunga bateshejwe hako bagenda neza.

  • Narayendabibabwiyeko mwenivyo vyogukuraho perezida murubwoburyo kovyozakuba ariko inzirazose zokugoragoza zase, nayo ahovyakozwehose amajanyuma niyoyaciye ataha mwivuobihugu’ baprezida zamurorohereza abenegihugu namwe benegihugu mwibuke icabarundibita kugoragoza ntimukihutira gushira ahagashavugashize.

  • Buyoya Petero Ramba ni wewe wagitanze bose babireba nabandi nibakurabireko akarorero

  • Buyoya yaremerewe n’aba DD yategerezwa kugitanga ku neza kuko yari guhava agitanga mu marira nka Bagbo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.