Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Blaise Compaoré : Abasirikare bakoreye hamwe n’abatavuga rumwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Blaise Compaoré : Abasirikare bakoreye hamwe n’abatavuga rumwe (...)

Blaise Compaoré : Abasirikare bakoreye hamwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi

lundi 10 Munyonyo 2014

Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Burkina Fasso yemeza ko kuba yarakombowe ku butegetsi bitavuye ku mugambi yari afise wo kwigumiza ku butegetsi, ahubwo ko vyavuye ku batavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe bakoreye hamwe n’igisirikare mu kumukombora.

Mu buhungiro aho ari mu gihugu ca Côte d’Ivoire, Blaise Compaoré amenyesha ko ata kintu na kimwe cari gusubiza inyuma umugambi wari uhari wo gushikira ubutegetsi biciye mu nguvu. Ku bwiwe, kuba ibwirizwa shingiro ryagira rihindurwe kugira azosubire kwitoza mu 2016 siyo ntandaro y’imigumuko. Blaise Compaoré avuga ko naho uguhindura ibwirizwa shingiro vyari guca mu nama nshingamateka, canke mu banyagihugu ubwabo (référendum), ntaco vyari guhindura kuko abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe bari bamaze gucudika n’igisirikare, kugira akurwe ku butegetsi ku nguvu.

JPEG - 35.9 ko
Blaise Compaoré

Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu ca Burkina Fasso aremeza ko yari yaviyumvisemwo ko ashobora gukomborwa, kuko yari yamaze kumenya hari bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe bari bafitaniye imigenderanire ikomeye n’intwazangabo z’igisirikare ca Burkina Fasso, ivyo navyo akaba ata kindi vyari bigamije atari gutembagaza ubutegetsi.
Blaise Compaoré amenyesha ko igikuru ar’uko yamaze gusubiza ubutegetsi, hama kuba yakoze vyiza canke bibi, yishura ko kazoza ariko kazovyerekana.

N’aho adatomora, aragaruka akemeza ko ku myaka 27 yamaze ku butegetsi hari abo yaruhishije, ariko akaba adatomora abaribo. Ku bijanye n’uwamusubiriye mu kibanza vy’imfatakibanza ariwe Lieutenant-Colonel Isaac Zida, Blaise Compaoré avuga ko yihaye amananiza.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ivyuyumugabo avuze nivyo kuko nkubu uwohenda abenegihugu mugihugu caricocose ngonibakore nkivyo muri Burki Faso bakoze bashobora guhuranivyago bikomeye bagatangurakwibaza ngokuberiki twebwe bidureje ivyago ngokandi ahandibarabikoze bigakunda? Kumbe abandi babigizebabanje kumenyako intwazangabo zibashigikiye, hoserero birashoboka ariko mubanze mwiyegereze intazangabo bitabayivya muzobinako igikere ciganye inzovu..........

  • EMWE MURAZI NEZA KO ATAWUPFA AGOMBA CANKE ADATEYE IGERE
    MURINDIRE AHO NAHO IBURUNDI ABIHEVYE BARIHO. KANDI NABO BARIKUMWE NA NKURU BARIMWO , CANKE NTIBARIMWO.?

  • Uburundi bugona buri maso ntimugire ubwoba 10 ans ziri mugukwira kugira tugume twubaha,democratie nayo 10ans 1jours :ahibabwe murabaza

  • Wewe witws Kuri,nturamenya ico abaja mw ibarabara baba barondera ahubwo iyo abasoda csbke aba police biraraye mubanyagihugu bskica ahubwo igitego kiba cinjiye ,ntuzi ko irahe yashiririwe ho abatware ba africa ahubwo nkabo bageneral bacu bazi ko ufise inkoho ari kurasa gusa bstigera basoma iyo isi igeze ,bazobica ariko umenye ko umugambwe cndd fdd uzosigara ari harabsye kurysma kws MRND.iyo Niyo turufu irya muhu komera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.