Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Abahora bashora UMUVYI mu Rwanda no mu Buganda bakenyerewe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Ibiti > Burundi : Abahora bashora UMUVYI mu Rwanda no mu Buganda bakenyerewe

Burundi : Abahora bashora UMUVYI mu Rwanda no mu Buganda bakenyerewe

mercredi 29 Nzero 2014

Mu rugendo umushikiranganji wo gukingira ibidukikije yagize mu ntara ya Kirundo ari kumwe n’abari baserukiye ubushikiranganji bw’intwaramiheto, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’ubw’umutekano, yamenyesheje ko igiti citwa ’’UMUVYI’’ (Osiris lanceolata ) kigiye gukingirwa bimwe biboneka, nayo abagica bakagishora bidakurikijwe amategeko mu bindi bihugu, batagiye kwihanganirwa.

Jean Claude Nduwayo umushikiranganji w'ibidukikije

Ico giti gisanzwe kiri mu ntara za Muyinga, Kirundo, Cankuzo n’agace ka Rutana, umushikiranganji Jean Claude Nduwayo amenyesha ko ico giti kiriko kiricirwa cane, ndetse kigashobora noguhonywa hamwe kitokingirwa. Eka si ivyo gusa, uyo mushikiranganji akaba kandi yamenyesheje abari bitavye iyo nama, ko bimaze kugaragara ko ishorwa ry’ico giti rituma umutekano uhakwa gutosekara hagati y’abanyagihugu, kuko bamwe baja kuciba mu matongo y’abandi mw’ijoro.

Umushikiranganji Nduwayo akavuga ko ubushikiranganji arongoye bwagerageje guhagarika urwo rudandazwa rw’UMUVYI biranka, arico gituma, hageze aho inzego zose zikorera hamwe yaba izijejwe gucungera umutekano eka no mu ntwaro, kugira iryo shorwa ridakurikije amategeko rihagarare mu maguru masha. Umushikiranganji akavuga ko ico giti hamwe cokingirwa, gishobora gutuma Uburundi bwinjiza amafaranga atari make. Muri urwo rugendo umushikiranganji yagize muri iyo ntara ya Kirundo, hakaba harafashwe amatoni atari make y’ico giti c’UMUVYI yari yegeranirijwe ahantu kugira aze ashorwe mu bihugu bibanyi.

Leocadie Kabihogo musitanteri wa komine Busoni

Musitanteri wa komine ya Busoni umupfasoni Leocadie Kabihogo akaba ashimishwa n’iyo ngingo yo gukorera hamwe, kuko amenyesha ko bamwe mu banyagihugu bo muri komine arongoye baja kwiba ico giti mu matongo y’abandi mw’ijoro, ivyo bigatuma bama bahatswe gutemana imipanga. Amenyesha kandi ko muri iyo minsi iheze, amamodoka atandukanye yarenganye ku rubibe iyo komine ihana n’igihugu c’Urwanda, ashoye uyo UMUVYI kandi izo modoka zikaba zari zifise impapuro zo mu gisata co kwegeranya amakori n’amatagisi ya Reta OBR, naho mu nyuma bagiye guhinyura ko izo mpapuro zari iza magendo. Uyo MUVYI rero ukaba ushorwa cane mu bihugu vy’Urwanda n’Ubuganda.

Mwomenya ko igiti umuvyi, ari igiti kimota cane, gikundwa n’abatari bake kuko gisanzwe kinavura indwara zimwe zimwe, kikanavamwo n’ivyo bakoresha (matiere premiere) mu gukora bimwe bisiga bimotesha neza imibiri y’abantu, benshi bita “parfums”, eka n’amavuta amota neza akaba ashobora kuva muri ico giti c’umuvyi.

Igiti c'UMUVYI

Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.