IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibidukikije > Ibiti > Umugwi Rotary Club warateye ibiti muri commune Gihosha mugisagara ca (...)

Umugwi Rotary Club warateye ibiti muri commune Gihosha mugisagara ca Bujumbura

mercredi 19 Kigarama 2012

Umugwi Rotary Club w ’i Bujumbura ngo urajwe ishinga nuko abarundi bose boronka aho baba heza , ivyo babigaragaje mukwifatanya n’abanyagihugu bo mu gihosha guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe igiti , wahimbajwe kwigenekerezo rya 15 Kigarama 2012 ; uwo musi ibiti biri hagati y’1000 na 1500 bikaba vyaratewe .Bakaba bafatikanije n’abanywanyi ba croix rouge.

Nkuko uwurongoye Rotary Club Willy Rubeya yabimenyesheje abamenyeshamakuru ,ngo ibidukikije biri mubintu bikuru bikuru bituma abarundi babaho neza ,nico gituma bikwiye kwitabwaho gusumba .Nkuko Willy yabandanije abivuga , inyuma y’ibikorwa vyinshi vyo gufasha umugwi wabo umaze gukora , ngo bashimye kwifatanya n’abandi barundi muguhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe igiti.

Uwo mugwi kandi warihaye intumbero yo kutera ku mwaka ku mwaka ibiti bigera ku 1000 mu mihingo itandukanye y’igisagara ca Bujumbura ; cane cane kunkengera z’inzuzi kugira bazikingire kubomagurika.Iryo rero akaba ari integuro bihaye kugira abarundi babeho neza gusumba.

Kukibazo cerekeye icatumye batora i komine ye Gihosha ,uwurongoye Rotary Club yamenyesheje yuko bari babonye inkengera z’ uruzi Ntahangwa zigeramiwe ,akaba arico catumye batora gutera ibiti birenga 1000 vy’amagereveriya kugira bakingire iyo misozi kubomagurika .

Willy Rubeya yarangije ashimira cane abanywanyi ba croix rouge ko bifatanije nabo muri ico gikorwa ,ati kandi bagiye gukorera hamwe n’abandi bose barajwe ishinga no gukingira ibidukikije kugira ico gikorwa kigende neza kuruta.


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.