IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Burundi: Amashamba cimeza arageramiwe

Burundi: Amashamba cimeza arageramiwe

vendredi 11 Nzero 2013

Ishirahamwe rikingira ibidukikije ‘’Les amis de la nature’’ rivuga ko amashamba 4 yo mu bumanuko bw’igihugu abangamiwe. Abanyagihugu bayarimamwo, abahiga ibikoko n’abayaturira bashaka umuyonga w’inka.

Amashamba ageramiwe ni irya Makamba-Nyanza Lac ringana na hegitari zirenga 1728, Mukungu-Rukambazi ringana na hegitari zirenga 2000, Makamba ringana na hegitari zirenga 3200 na Kumuso rirenza hegitari 480.

Mamert Sabushimike arongoye ishirahamwe rikingira ibidukikije avuga ko ahanini ayo mashamba abangamiwe n’abanyagihugu bahungutse babayo bakongera bakayarimamwo, abahigayo ibikoko n’abaturira amashamba bashaka umuyonga w’inka. Avuga ko n’ishamba rya Rukambasi ryari rikingiwe rimaze gufatwa n’ako karanda.

Iryo shirahamwe risaba abarongoye intara za Makamba na Bururi gutegeka abarongoye amakomine n’imitumba gukingira ayo mashamba kubera arimwo ibidukikije bituma haboneka akayaga keza.

Ikigo INCN gikingira amashamba kimenyesha ko ayo mashamba adakingiwe vuba, mu bumanuko bw’igihugu ata mbura izosubira kurwa, ivyo navyo ngo bizotuma abanyagihugu batarima ngo bimbure.

Vincent Nibayubahe Makamba arongoye intara ya Makamba avuga ko ata kigongwe abantu bose bihaye amatongo mu mashamba akingiwe bategerezwa kuvayo ku nguvu hanyuma bagahabwa ahandi bubaka.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.