IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Amashure 24 yarugawe ku ngingo y’umushikiranganji ajejwe amashure y’intango (...)

Amashure 24 yarugawe ku ngingo y’umushikiranganji ajejwe amashure y’intango nay’isumbuye

mardi 30 Mukakaro 2013

Umushikiranganji w’amashure y’intango nay’isumbuye ,amashure y ’’imyuga ,kwigisha abakuze gusoma no kwandika ,Roza Gahiru yarateye igikumu kw’urwandiko rwugara amashure 24 mu ntumbero yo gushiraho urutonde muri ico gisata c’inyigisho .

Kubwo umupfasoni Roza Gahiru ,ayo mashure ahorwa ko atigeze amanyesha ko akora ku mugaragaro,ikindi naco nta mwana numwe yigeze amenya muri ca kibazo co mu mwaka wa 6 gitanga uburenganzira bwo kuja mu mashure yisumbuye imyaka 3 canke 4 iraheze atanumwe agitoye,kubura ibikoresho mu bisata vy’ubuhinga ’’informatique ’’ hamwe n’inyubakwa zayo mashure zitameze neza ,ivyo nivyo bikuru bikuru vyatumye bugara ayo mashure.

Ikindi naco ,gukora batabirekuriwe n’amategeko imyaka myinshi ,iyugururwa ry’ibisata bimwe batabirekuriwe n’amategeko na cane cane ku bisata vy’ubuhinga n’isuku ritifashe neza .

Abanyeshure biga kuri ayo mashure ubu yugawe bahamagariwe kuja kwiyandikisha kuyandi mashure bafise ibisata bahora barimwo kuri ayo mashure bahorako.


Karire Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.