Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amatora mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ntakibaye kuwa 5 Rusama - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Amatora mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ntakibaye kuwa 5 Rusama

Amatora mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ntakibaye kuwa 5 Rusama

lundi 29 Ndamukiza 2013

Haraciye iminsi itari mike habonetse ukutumvikana ingene amatora yotegurwa y’urwego nshingwabikorwa rw’umupira w’amaguru mu Burundi.

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, umupfasoni Lidiya Nsekera yamenyesheje ko amatora azotegurwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’umupira w’amaguru kw’isi, FIFA, kw’igenekerezo ritaramenyekana. Ayo matora akaba yari ategekanijwe kw’igenekerezo rya 5 Rusama 2013.

Umupfasoni Lidia Nsekera amenyesha ko muri iki kiringo yari amaze arongoye iryo shirahamwe, icari kimuraje ishinga kwari uguteza imbere umupira w’amaguru mu Burundi, akaba rero abona ishirahamwe arongoye rigeze ku ntambwe ishimishije, kuko Uburundi bwigenjeje neza mu mahiganwa ya Afrika mu mupira w’amaguru.

Mukurangiza, uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, Lidiya Nsekera avuga ko abagiraneza bitavye akamo ko gufasha imigambi imwe imwe yari yateguwe n’ishirahamwe, kandi abagiraneza barafashije mu myigisho zateguwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amagura mu Burundi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.