Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi: Igihugu kiracakenye amabarabara ya kijambere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Burundi: Igihugu kiracakenye amabarabara ya kijambere

Burundi: Igihugu kiracakenye amabarabara ya kijambere

jeudi 22 Myandagaro 2013

Mu ruganda rw’inyigisho ruriko ruhuza bamwe mu bakozi batandukanye n’abayobozi b’ibibisata nka vyose vyo mu bushikiranganji bw’ugutwara abantu n’ibintu, barabiye hamwe ingorane ziri mu gisata c’ugutwara abantu n’ibintu co kimwe n’ingorane ziri mu mabarabara yo mu gihugu c’Uburundi.

Ku bw’umuhinga yatanze inyigisho El Hadji Babaly Deme, yavuze ko amabarabara meza ari isoko ry’iterambere rirama mu gihugu. Ariko aca amenyesha ko mu gihugu c’Uburundi hakiri ingorane mu gisata c’ugutwara abantu n’ibintu bivanye n’amwe mu mabarabara mabi hamwe n’ibivyapa bibuze ku mabarabara. Yamenyesheje ko ibice 99 kw’ijana vy’amabarabara aca hagati mu ntara atarakorwa kijambere mu gihe amabarabara nka yose yo mu makomine adakoze.

Abitavye uruganda

Izindi ngorane n’ivyapa vyerekana ukwo imiduga ikwiye kunyaruka canke kugabanya umuvuduko ari bike, eka sivyo gusa kuko umuhinga amenyesha ko n’ivyapa vyerekana ahahagarara imiduga bitariho. Yabandanije avuga impinga ikiri ndende kuko gushika n’ubu hari amasanganya aba, maze imvo zayateye ntizishobore kumenyekana bivanye n’ubuhinga canke n’uburyo buke bw’ibikoresho.
Abitavye izo nyigisho bashoboye kubaza ibibazo bitandukanye bijanye n’ingorane zibonekeza mu mabarabara aho hari imiduga itari mike usanga idakwije ivyangombwa, mu gihe hari n’abunguruza abantu usanga batagira impusha z’ugutwara abantu n’ibintu.

umuhinga

Umuhinga avuga ko mu gisagara ca Bujumbura ingorane zikiriho kuko amabarabara menshi usanga atagira ivyapa vyerekana aho umuduga ukwiye guhagarara. Abandanya amenyesha ko umuduga wose uhagarara aho ushatse, ivyo bikaba biri mu bishobora gutera amasanganya mu mabarabara.

Twobibutsa mw’ihangiro ryo kurwanya ubukene mu kiringo ca 2, igisata c’amabarabara kiri mu bisata bitegerezwa kwitabwaho co kimwe no mu mugambi wo gushikana Uburundi kw’iterambere (Vision 2025), amabarabara akaba azoba ari aya kijambere nk’uko amwe amwe ariko arubakwa, ahuza intara zimwe zimwe z’igihugu. Hakazoba hasigaye gukorwa ayahuza amakomine mu gihugu.

Abitavye uruganda

Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.