Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikibazo ca Somaliya kiraraje ishinga amakungu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ikibazo ca Somaliya kiraraje ishinga amakungu

Ikibazo ca Somaliya kiraraje ishinga amakungu

lundi 6 Rusama 2013

Icegera ca mbere c’umukuru w’ Igihugu nyakubahwa Terensiyo Sinunguruza, ari mu rugendo kuva ejo kw’igenekerezo rya 5 Rusama 2013, i Londres ku murwa mukuru w’igihugu c’Ubwongereza mu nama idasanzwe ku kibazo ca Somaliya.

Uburundi rero bukaba buri mu bihugu vya Afrika vyanyarutse gufasha kugarukana amahoro n’umutekano muri ico gihugu ca Somaliya iruhande y’inteko z’ibihugu nka Uganda na Kenya.

Abategetsi ba Somaliya bakaba badahengeshanya gushimira Uburundi ingene bwitanga mu gufasha mu gikorwa co kugarukana amahoro muri ico gihugu.
Ariko naho biri uko, ku murwa mukuru wa Somaliya Mogadishio ejo kw’igenekerezo rya 5 Rusama abihevyi barateze ibombe mu muduga aho abantu bagera kuri cumi bitavye Imana.

Iyo nama rero idasanzwe ku kibazo ca Somaliya ikaba izotangura kuri uyu wa Kabiri igenekerezo rya 7 Rusama 2013.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.