IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Burundi : Impamyabushobozi "Licence" ziremerwa mu karere ka Afrika (...)

Burundi : Impamyabushobozi "Licence" ziremerwa mu karere ka Afrika y’ubuseruko

samedi 27 Nyakanga 2014

Impamyabushobozi zitangwa n’amakaminuza yo mu Uburundi yaba muza Reta canke iz’abigenga, zirazwi mu karere ka Afrika y’ubuseruko gasanzwe gahuza ibihugu vy’Uburundi, Ouganda, Rwanda, hamwe na Tanzanie, nk’uko vyashikirijwe na Siriviya Hatungimana asanzwe ari umunyamabanga nshingwabikorwa mu murwi w’igihugu ujejwe inyigisho za kaminuza.

Kubwa Siriviya Hatungimana, izo mpamyabushobozi ziremewe, kuko abanyeshure bagendagenda bagiye kwiga muri ivyo bihugu, yaba abagiye ku giti cabo canke naho barungitswe n’igihugu kwiga muri ako karere ka Afrika y’ubuseruko, bikerekana ko izo mpamyabushobozi zemerwa, nk’uko Hatungimana abandanya abishikiriza mu kiganiro n’abamenyeshamakuru.

Ariko rero Siriviya Hatungimana aratanga umuco ku bibaza ko kugerageza kuja ku rugero rw’abandi arivyo bita "Harmonisation" bisigura ko ari guca ivyo bihugu vyose bigira ibintu bisa, ahubwo ku bwiwe n’uburyo gusa bwo kumenya neza agaciro urupapuro rwo mu gihugu kibanyi rufise, kuko kuja ku rugero rw’ibindi bihugu bidasigura ko igihugu kica gita ubwigenge bwaco, ari naco gituma iyo impamyabushobozi umunyeshure w’umurundi yaronse biciye mu nzira nziza ayihawe n’abategetsi babijejwe, n’ukuvuga ko n’abayobozi bama kaminuza bo mu bindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko baca bemera iyo mpamyabushobozi yiwe uko imeze.
Nk’uko Siriviya Hatungimana abisigura, urupapuro rw’umutsindo bita "Licence" mu Burundi rusanzwe ruzwi mu karere ka Afrika y’ubuseruko, n’ikimenyamenya n’uko hari abarundi benshi baronse impapuro z’umutsindo bita master muma kaminuza i Nairobi, i Makerere, i Kigali.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.