Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi : Ingomero zibiri z’umuyagankuba zigiye kwubakwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Burundi : Ingomero zibiri z’umuyagankuba zigiye kwubakwa

Burundi : Ingomero zibiri z’umuyagankuba zigiye kwubakwa

lundi 26 Myandagaro 2013

Icegera ca kabiri c’umukuru Gervais Rufyikiri hamwe na Philippe Dongier arongoye ibikorwa mw’ibanki nkuru y’isi yose mu gihugu c’Uburundi, Uganda hamwe n’igihugu ca Tanzaniya, mu mpera z ‘indwi twaraye turangije baramenyesheje ko hagiye kwubakwa ingomero ku ruzi Jiji na Mulembwe.
Izo ngomero zizofasha cane igihugu mu kwongerereza umuyagankuba.

Come Manirakiza, umushikiranganji ajejwe amasoko ntanganguvu amenyesha ko imyiteguro yo kwubaka izo ngomero kuri Jiji na Mulembwe iriko irabandanya.
Ibikorwa vyo kwihweza uko uwo mugambi uzorangurwa bikaba biriko birasozerwa, co kimwe n’ikigega kizoshumbusha abanyagihugu bazokurwa mu kibanza kizokwubakwamwo.

Uwo mugambi uzotanga amamegawate 50 ufashwe mu mugongo n’ibanki y’isi yose hamwe n’ingoma ya Pays bas, ukaba uje kwishura ku ngorane yari imaze igihe ihari mu Burundi mu vyerekeye kubura umuyagankuba


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.