Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Burundi-Kongo : Urwaruka ruri mu mice y’abakunda gufatwa ku nguvu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Burundi-Kongo : Urwaruka ruri mu mice y’abakunda gufatwa ku nguvu

Burundi-Kongo : Urwaruka ruri mu mice y’abakunda gufatwa ku nguvu

jeudi 2 Gitugutu 2014

Mu gihugu c’ Uburundi na Congo, urwaruka ruri mu mice y’abantu bakunda gufatwa ku nguvu, nk’uko bishikirizwa na Paluku Nzotsi, umuhinga muri Congo akorera ishirahamwe MDF Management for Developpement Foundation.

Mu cigwa cakozwe mu kwezi kwa Myandagaro 2014, n’umugambi Biraturaba, cakozwe n’ishirahamwe Care International ku rwaruka 38710 b’abarundi ku vyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza, Nzotsi aremeza ko umuce munini w’abafatwa ku nguvu ari urwaruka. Mu Burundi rero ivyigwa vyerekanye ko ibice 56 kw’ijana vy’urwaruka aribo bahohotewe mu buryo butandukanye, (Psychologique, économique et sexuel). Ikindi cigwa cabaye mu kwezi kwa Ruheshi mu Bumanuko bwa Kivu, cerekanye ko ibice 60 kw’ijana vy’urwaruka aribo bemeje ko bakorewe icaha co gufatwa ku nguvu.

Ku bwiwe rero, ivyo ntibitangaje na gato ,na cane cane ko ibiharuro bisanzwe biri mu mavuriro amwe amwe mu Burundi vy’abagiye babitura vyerekana ko ibice 86 kw’ijana ari urwaruka rufise imyaka 24. Ivyo biharuro rero biragaragaza ko urwaruka ruri mu gice kinini c’abasanzwe bafatwa ku nguvu kandi bigakorwa n’abasanzwe bobakingira abo nabo ugasanga n’ababanyi, incuti . M.Nzotsi amenyesha ko mu biharuro vyagiye bija ahabona abaporisi n’abasirikare nibo batwara idarapo muri ivyo bikorwa vy’iterasoni mu Burundi.

Umuntu aravye ivyagiye bishikirizwa nabo bafashwe ku nguvu bagiye bitura ivyo bitaro n’amavuriro ,ibice 28 kw’ijana ni abasirikare bakora ayo mabi. Ibindi bice 23 kw’ijana n’ababanyi. N’ubwo uwo muhinga avuga ko abasirikare bari mu muce wa mbere wabategerezwa gufadikanya n’abandi mu ntumbero yo guhagarika ayo mabi, n’abandi banyagihugu basanzwe nabo nyene bahamagarirwa kurwanya ivyo bibi.
Kugira ivyo bintu bishobore guhinduka avuga ko Uburundi bwari bukwiye kurabira akarorero ku gihugu ca Congo kuko muri iyi myaka 20 iheze, ibice 30 kw’ijana bari abasirikare ariko muri kino gihe bakaba bageze ku bice 15 kw’ijana.

Mu Burundi rero haracari utugorane tutari duke na cane cane ko mu ntara zine ahakozwe icigwa basanze bagereranije imyaka y’ abafashwe ku nguvu ahanini bari mu myaka 15. Ariko rero ikibabaje n’uko izo nkozi z’ikibi zitagera umutwe abana bari munsi y’imyaka itanu yaba udukobwa canke uduhungu.


floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.