IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Burundi : Sentare idasanzwe y’umurwi CNTB yaramaze gutangura (...)

Burundi : Sentare idasanzwe y’umurwi CNTB yaramaze gutangura ibikorwa

samedi 8 Munyonyo 2014

Sentare idasanzwe y’umurwi ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB yaramaze gutangura ibikorwa vyayo guhera kuwa 15 Nyakanga uno mwaka.

Nk’uko yabimenyesheje mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Pascal Ngendakuriyo umukuru w’iyo sentare yamenyesheje ko bamaze gutangura ibikorwa vy’iyo sentare guhera kuwa 15 Nyakanga uno mwaka.

Uwo wese azoba atashimye ingingo izoba yafashwe n’uwo murwi ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB (Commission Nationale Terres et autres Biens) azokwitura mu kiringo kitarenga iminsi 60 iyo sentare uhereye ku munsi umuntu azoba ariko asigura ingingo azoba yiyamirije. Pascal Ngendakuriyo yamenyesheje abamenyeshamakuru ko inyuma y’ibikorwa vyo gushinga iyo sentare kuwa 15 Nyakanga, igikorwa caciye gikurikira cabaye ico gushiraho abazoba bagize iyo sentare kuwa 2 Gitugutu uno mwaka.

Ibiro vy’iyo sentare bikaba biri muri karitiye Kigobe, kw’ibarabara ryitiriwe Reta zunzubumwe bw’Amerika, mu nyubakwa yitwa Kibunoah Hotel. Ikaba yugururiwe uwo wese. Amasaha yo gutangurirako akazi akaba ari guhera igihe c’isaha imwe n’igice gushika igihe c’isaha icenda n’igice iminsi yose y’akazi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.