Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi Intamba mu rugamba uzoja mw’ihiganwa rya CHAN ku ncuro ya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi Intamba mu rugamba uzoja mw’ihiganwa rya CHAN ku ncuro ya (...)

Umurwi Intamba mu rugamba uzoja mw’ihiganwa rya CHAN ku ncuro ya mbere

lundi 29 Mukakaro 2013

Imirwi izokina ihiganwa rya CHAN yaraye imenyekanye. Intamba mu rugamba, umurwi nserukiragihugu w’Uburundi waraye uhambije iyindi yari imaze kuronka ubwo burenganzira bwo kuzoja mw’ihiganwa ry’imirwi nserukiragihugu y’abakinyi bakinira iwabo rizobera mu gihugu ca Afrika y’epfo. Mu rukino rwo gusubiriza rwabahuje n’umurwi nserukiragihugu wa Sudani ku munsi w’ejo kuwa mungu, mu gihugu ca Sudani, Intamba mu rugamba yatahiye intsinzi kuri penalty 4 kuri 3 za Sudani.

Muri urwo rukino rwatanguye mu masaha yo mw’ijoro ku mvo z’amafungo y’abayisilamu basanzwe ari benshi muri ico gihugu, igice ca mbere niho imirwi yose yaronka igitsindo kimwe kimwe. Umukinyi Nadir El Tayeb wo muri Sudani niwe yatanguye gutsinda, Tambwe Hamissi nawe yinjiza ku ruhande rw’Uburundi ku mupira wari utewe na Christophe Nduwarugira.

Mu gice ca kabiri, nta murwi n’umwe washoboye kubona izamu ry’uwundi, urukino ruca rurangira bose banganya igitsindo kimwe ku kindi. Baciye batera ama penalty, umurwi w’Intamba mu rugamba ubona gutahukana iyo tsinzi ahanini twovuga ko bahawe n’umunyegori Arakaza Mac Arthur yashoboye gukuramwo penalty zibiri.

Muri iryo higanwa rya CHAN Uburundi buzoba bugiyemwo ubwa mbere, imirwi nserukiragihugu izoja mu gihugu ca Afrika y’epfo yaciye imenyekana uko ari cumi n’ibiri, nayo ikaba ari Burkina Faso, Burundi, Congo, Ethiopie, Ghana, Libye, Mali, Mauritanie, Maroc, Nigeria na Ouganda.

JPEG - 89.7 ko
Intamba mu rugamba, umurwi nserukiragihugu w’Uburundi

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.