Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwundi mukinyi w’umurwi nserukiragihugu atazoja muri CHAN 2014 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Uwundi mukinyi w’umurwi nserukiragihugu atazoja muri CHAN 2014

Uwundi mukinyi w’umurwi nserukiragihugu atazoja muri CHAN 2014

mercredi 4 Nyakanga 2013

Inyuma y’iminsi itari mike umurwi wa Kiyovu Sport wo mu gihugu c’Urwanda uriko ugirana ibiganiro na Christian Mbirizi wo muri Vital’O FC, ari nawe yabaye umukinyi mwiza muri CECAFA Kagame cup 2013, igikombe giheruka gutahukanwa na Vital’O FC. Nk’uko bagenzi bacu mu gihugu c’Urwanda babimenyesha, Christian Mbilizi yitezwe mu gihugu c’Urwanda ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu, aho agiye gukinira umurwi wa Kiyovu Sport.

Umuyobozi wa Kiyovu Sport, Norbert Sendege, aganira na IGIHE yamenyesheje ko umumenyereza Kanyankole (nawe nyene yahora muri Vital’O) yari yashimye uwo murwi ariko akavuga ko hakibuze abakinyi b’inaribonye, cane cane abakina imbere n’abakinyi bo hagati.

Niyo mpamvu bipfuje umukinyi wa Vital’O FC, Christian Mbirizi, ari nawe yafashije umurwi wiwe wa Vital’O FC gutwara igikombe ca CECAFA Kagame cup 2013 muri Sudani y’amaja epfo, yongera atorwa kuba umukinyi mwiza muri iryo higanwa.

Sendege yagize ati : “ Christian Mbirizi arashika i Kigali ku mugoroba w’uno munsi kuwa gatatu, aheze ashira umukono ku masezerano ya Kiyovu Sport, co kimwe n’uwundi mukinyi yitwa Ally yanakinye ku rukino rwa kivandimwe n’Amavubi (Umurwi nserukiragihugu w’Urwanda.”

JPEG - 27.4 ko
Christian Mbilizi mu rukino na APR FC mw’ihiganwa CECAFA KAGAME CUP 2013

Christian Mbirizi, niwe yatsinze igitsindo ca kabiri mu rukino rwa nyuma, aho Vital’O yatsinda APR FC ibitsindo 2 ku busa.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.