IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bururi:Abigisha barasaba amahera y’uburaro hamwe n’itike ryo gusubira (...)

Bururi:Abigisha barasaba amahera y’uburaro hamwe n’itike ryo gusubira inyuma

vendredi 29 Ntwarante 2013

Kuri uwu wa kane igenekerezo rya 28 Ntwarante ,abigisha bagera ku 50 hamwe n’abayobozi b’amashure matomato b’intara za Rutana,Makamba na Bururi barugarije ibiro vy’intara ya Bururi .
Abo rero bakaba basaba amafranga y’uburaro hamwe n’itike ryo gusubira inyuma mu mihana yabo.
Ivyo bikaba bibaye abigisha n’abayobozi bamaze imisi ibiri ku biro vy’intara ya Bururi kugira barabire hamwe ingene bokwongereza ibice vy’abatora ca kibazo ca leta co mu mwaka wa 6.
Umuhanuzi wa buramatari w’intara ya Bururi ajejwe ibibazo vy’imibano yaciye amenyeshako iyo ngorane iza gutorerwa umuti kuruyo musi nyene.

Mu ntara ya Kirundo ,abigisha bane b’ishure rya Rukwendo bamaze imisi ine mu gasho k’igipolisi ca Kirundo.Bakaba bagirijwe gutera ubwoba hamwe n’ubusuma bwa mahera agera ku bihumbi 750 vy’amafranga y’amarundi vyakorewe umuyobozi w’iryo shure.


mbabazi jean de Dieu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.