IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Bururi : Igipolisi carafashe amasase arenga 4000 n’inkoho 5 uyu (...)

Bururi : Igipolisi carafashe amasase arenga 4000 n’inkoho 5 uyu mwaka

jeudi 6 Kigarama 2012

Amasase arenga 4000, i grenade 5, inkoho 4 zo mu bwoko bwa kalashinikov n’ibindi bikoresho vya gisirikare n’ivyo vyafashwe n’igipolisi kuva mu kwezi kwa mbere uyu mwaka nk’uko bivugwa n’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Ligue Iteka.

Kubwa Fidele Nkurunziza, umushakashatsi wa Ligue Iteka mu ntara zo hagati mu gihugu, amasase arenga 1000 yafatiwe mu ntara ya Bururi mu kwezi kwa Ndamukiza, amasase arenga 3000 ngo yaranyegeje muri komine Rumonge n’ayo nyene yarafashwe n’igipolisi, inkoho 2 zafatiwe mu Rumonge iyindi nkoho 1 ifatirwa muri komine vyanda, aho hose ni mu ntara ya Bururi. Muri iyo ntara nyene ngo harafashwe ama grenade 3 mu kwezi kwa Ruheshi, izindi 2 zifatirwa muri komine Matana mu kwezi kwa Myandagaro uyu mwaka nyene.

Buteze ni umunyagihugu wo muri zone Buruhukiro komine Rumonge yafatanywe inkoho 1 yo mu bwoko bwa kalashinikov, yabwiye bagenzi bacu b’ikinyamakuru Iwacu ko uruhusha rwiwe rwo gutunga ikirwanisho rwaheze. Ariko akavuga ko naho igipolisi camwatse iyo nkoho ngo yaragikeneye kuyikoresha kuko hacibonekeza ubusuma, amatati y’amatongo hagati y’abasangwa n’abahungutse n’ibindi. Ico ciyumviro aragisangiye n’uwundi muntu w’umudandaza Ntahimpera wo muri komine Rumonge kuko ngo aracakeneye gukingira ibidandazwa vyiwe kubera ubusuma bw’abantu bitwaje ibirwanisho.

Uwundi munyagihugu Bazira Fabien nawe nyene wo muri komine Rumonge avuga ati " Umugambi wo kwaka ku nguvu ibirwanisho abanyagihugu urakwiye gusubira gutangura kuko n’ubu hacibonekeza ibirwanisho bicira umuriro kandi birabangamiye umutekano wacu"

Twokwibutsa ko iryo shirahamwe Ligue Iteka riherutse gushira ahabona icegeranyo kivuga ko abantu 37 aribo bishwe mu mezi 11 aheze muri uyu mwaka mu ntara ya Bururi. Benshi muri bo ngo bishwe n’ibirwanisho bicira umuriro.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.