IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Bururi : Inda z’indaro 600 ku banyeshure

Bururi : Inda z’indaro 600 ku banyeshure

vendredi 29 Myandagaro 2014

Igitigiri c’abigeme bagera ku 600 nibo bahevye amashure y’abo bivuye kunda z’indaro mu ntara ya Bururi, muri iyi myaka ibiri y’amashure irangiye.

Ubukene bwugarije imwe mu miryango y’abarundi hamwe n’abavyeyi usanga bariko baraheba ibanga ryabo ry’ukurera eka n’abana usanga bananiye abavyeyi babo, bikaba biri muri ivyo bituma abana bata amashure yabo, bakavyara bari mu mashure. Mu ruganda ruriko rubera mu Bumanuko bw’igihugu ruhuza amakomine ya Matana, Bururi na Rumonge mu gutuza inda z’indaro ku bigeme bari mu mashure, Yves Maniragaba umuyobozi w’umugambi wo gutsimbataza agateka ka zinamuntu muri Cordaid akavuga ko abavyeyi bakwiye gukurikiranira hagufi indero y’abana babo, co kimwe n’abarezi babo, mu gutuza inda z’indaro kuri abo bana b’abigeme.

Mukamenya ko mu ntara zitandukanye ikibazo c’abigeme batwara inda z’indaro kivugwa cane, aho hamwe bivugwa ko abo bigeme bazitwazwa na bamwe mu badereva b’imiduga, badandaza, abajejwe umutekano hamwe n’ahandi usanga abarezi babo bagirijwe iryo bara ryo kugoba izo bajejwe.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ngo umwana si uwumwe!!!!!! Il faut que muvunga ko uburundi bwose bukwiye guhagurukira ico kibazo babisize mwinguvu si no inguvu zitavuye mu bategetse bohejuru ntabizoshoboka

  • Eweburundi urageramiwe abagutwara ntibabona utwagwanimpumyi.mbekomwigira ibijuju haruwudahwa ivyatariye,,ahogutorera inyishuyubukeneninzara mugihugu ,,,mushakagucurucumbisha ugwaruka kukomwebwemuhaze.hasara uwarozwe.kandi ivyomwigira inzimizi turihazeyigihugucacu ibibavyoseturabibona,..ige ikibazoc’ubukene n’inzara ivyindanavyo bizohera......humure bwakeye rabedushigaye inyuma mwiterambere

  • Ikibabaje sikindi nuko abo bategetse boduhaye izompanuro aribo birirwa baravanga abagore babo baza kuzidutera.Mana garukira abagabo bemera ivyo batazoshobora bakambara ama bague kugira bitwe k bubatse naho shwi birigwa barasambanya abana bangana nabo bivyariye.

  • DD imigambi ifise nimyishi ncabe uwo numugambi wambere uwukabiri nukuvyara kuri banyina uwagatatu base bakarongorana nabanababo. rindi abashingamateka uzokwuva batoye amategeko :twebwe aba DD tufise imigambi myiza mudutore muzoca mutera imbere

  • Inda 600 mubanyeshuri nugusenga naho ubundi nicyorezo peeeeeeeee

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.