IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi : Umuntu umwe yishwe arashwe n’abitwaje ibirwanisho

Bururi : Umuntu umwe yishwe arashwe n’abitwaje ibirwanisho

dimanche 28 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umuntu umwe niwe yishwe arashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu mu gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho cabaye ku rugo rumwe ruri i Nyagasasa muri Komine Mugamba, intara ya Bururi. Abo bitwaje ibirwanisho bahejeje kwica uwo muntu baciye bagenda.

Ico gitero cabaye nk’igihe c’isaha imwe z’ijoro kuri uwu wa gatandatu, umwigeme azwi kw’izina rya NAHIMANA Floride akaba ariwe yishwe n’abo bantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye. Abasirikare hamwe n’abaporisi barashitse ahabereye ubwo bwicanyi, ariko bakaba atawe bashobye gufata muri abo bantu bitwaje inkoho batamenyekanye.

Amakuru atangwa n’abanyagihugu b’i Nyagasasa avuga ko uwo mwigeme yoba yazize ivyo yagirizwa ko yahora akorana n’abajejwe umutekano, mu kudoma urutoke ku bahungabanya umutekano aho i Nyagasasa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.